IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani rw’intwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro rwatangujwe

Urunani rw’intwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro rwatangujwe

jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Mu ntumbero yo gutora inyishu ku ngorane avuga ko ziruhije Abarundi, Ildephonse Rugema amenyesha ko yashinze "Urunani rw’intwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro". Uwo yatanguje urwo runani agasaba ko yohabwa umwanya wo gusigura abarundi ingene urwo runani rwokora n’ingene iyo ntwaro ariyo yonyene yozanira amahoro abarundi.

Nk’uko tubibwirwa na Ildephonse Rugema yatanguje urwo runani rw’intwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro (Monarchie Constitutionelle), umwami akwiye gusubira guhangama ku Ngoma, akaba Sebarundi, akaba Inkingi y’Ubumwe n’Amahoro vy’ukuri. Imigambwe ikabandanya guhiganwa mu matora, Umwami akaba hejuru y’imigambwe mugabo umukuru wa Reta akaba Umushikirangoma wa mbere (Premier minister) avuye mu mugambwe watsinze amatora.

Kubwa ildephonse Rugema, abarundi bakeneye Umwami Sebarundi yoja hejuru y’imigambwe agakingira abanyagihugu ntihagire uwicwa azira gutora canke kudatora umugambwe runaka, nk’uko vyibonekeza cane cane iyo hageze amatora.
Agira ati :"Dukeneye Umwami yokingira abarundi mu gihe abanyeporitike batumvikanye, akaba Umuhuza w’ukuri, abarundi ntibasubire kuronderera abahuza hanze y’igihugu! Canke ngo hatorwe umuhuza avuye mu mugambwe utwara"

JPEG - 13.3 ko
Ildephonse Rugema, uwatanguje urunani rw’intwaro y’Ubwami ishimikiye kw’ibwirizwa nshingiro (Monarchie Constitutionelle)

Ildephonse Rugema asaba n’abatwara imigambwe ko boshigikira Intwaro y’Ubwami Ishimikiye kw’Ibwirizwa Nshingiro kuko ariyo ntwaro yotuma bakorera ku mugaragaro kuko boba bakingiwe n’Umwami ata mugambwe ahengamiyemwo. "Nkaba nsavye nshimitse Abarundi bose bifuza Amahoro, imigambwe yose igwanira amahoro, amashirahamwe agwanira agateka ka zinamuntu, abanyamadini, urwego rw’abashingantahe na cane cane Urwaruka rwo Burundi ko boshigikira iki ciyumviro co gushinga Intwaro y’Ubwami Ishimikiye kw’Ibwirizwa Nshingiro, mu kuyitora biciye muri "Referendum", inzira ya demokarasi yemejwe n’amategeko."

Ildephone Rugema asigurira Reta y’Uburundi ko urunani yatanguje atari umugambwe, kandi si abaje kuvuga canke kutavuga rumwe na Reta itwara, ahubwo akavuga ko ari abadashigikiye intwaro ya Repuburika. "Ntituri abaroberi bashaka intwaro babanje kugwana no gusesa amaraso ya bene Burundi. Ahubwo dusavye n’abatwara, ko bokwumva ineza iyo ntwaro yozanira Abarundi bose", agasaba ko abarundi bose bohabwa ijambo n’umwanya ukwiye, akabasigurira ingene iyo ntwaro y’Ubwami Ishimikiye kw’Ibwirizwa Nshingiro ariyo ntwaro yonyene yokwubahiriza agateka ka zinamuntu, ikubahiriza imico n’akaranga k’Uburundi kandi ariyo yogarukana amahoro mu Burundi.

Rugema Ildephonse ati : "Izo Mbonerakure twumva, aba JRR, aba Jedebu n’urundi rwaruka rurwanira imigambwe, bose n’abana b’Uburundi. Barabuze uwubasigurira neza ko kazoza kabo atar’ukugwanira abanyeporitike baronderera inda zabo ahubwo ababishoboye bobandanya amashure, uwufise icibare akakibungabunga, umwe wese arabe kazoza kiwe, bubahe abavyeyi babibarutse, biteho imiryango yabo kurusha imigambwe, imigenderanire mu rwaruka ibe myiza gutyo igihugu kizoba kironse imizi y’amahoro azorama."


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo bintu na Difficile yarabigerageje bimuta ku w’amazi!
    Nibaza ko ata murundi akivukana imbuto muri iki gihe!

  • Bakari urakoze kuko ubwami bwoba buje kwongera gushing imihunda kubirenge vy’abantu.

  • Twibaza ko iyo umuntu adatahura iciyumviro c’uwundi atari ko kanya ko kuvuga nabi kuko igihugu tugisangiye twese ntawushobora kubuzwa ivyiyumviro vyiwe. Udatahura ivyo usomye canke utabishigikiye urashobora kugira ico ubivuzeko ariko utarogose kuko Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa, kandi nta guhandwa ku rurimi ikienge kiriho.Mwiyubare rero dushaka ko abarundi mugaruka ku ndero kama y’abarundi yo kwisonera no gusonera cane cane ababasumba. Nk’umuntu nk’uyo arinze ashikiriza iciyumviro nk’ico co gushinga ubwami bushingiye kw’Ibwirizwa Nshingiro s’umwana aba yariyumviriye kandi aba ashigikiwe n’abatari bake mu gihugu babona ko bikenewe, abandi namwe mukazoronka akanya ko kubisigurirwa kandi mukazotinda muvyumva muri kazoza ka vuba.

  • WEWE BUTOYI ALOYS NDAGUSHIGIKIYE KURIZO MPANIRO ZUKO ABANTUBAKWIYE GUSONERA ABABAKURIYE BAKIRINDA KUVUGANA URUPHASONI RUKE KANDI ABARUNDI ATARIKOTWAREZWE, ARIKO NDASHAKA KUKUBAZA KO UYUMUSI KURIYINYANDIKO IVUGA IVYACAMI NIHO UTANGURIYE GUZOMA IVYIYUMVIRO BITANGWA NABASOMYI BIKIKINYAMAKURU? NIYABARI EGO NISAWA ARIKO NIYABA WAMUKURIKIRANA IVYANDIKWA NABASOMYI BIKIKINUAMAKURU WARACEREWE GUHANURA ABAVUGANA URUPFASONIRUKE MBESE WISUNZE IVYAMAVYANDITSWE NABANTU KWIKIKINYAMAKURU WOSANGA ABANDITSE NGAHA ATAMUNTU YASHIZE ISONI. MBERENDABABAYE KUBONA ATACOWARIBWAHANURE ABARAHO KUBIJANYE NUKUNTU BAMABACURITSE BACURANURA PREZIDA WIGIHUGU MBA DABIKUBWIYE KUGIRA UBIGERERANYE NIBIVYANDITSWE NABABANDITSE NGAHA ARIKOBINTEYE ISONI KUBISUBIRAMWO . SINZIKO WEWE WUBUSHAKAKO ABANTUBUBAHA IBIYISE ABAMI ARIKO KUBANDI NTIBUBAHWE! KUKOBIRANTANGAJEGOSE KUBUTARI WATANGE IYIMPANURONZIZA KANDIBARARYARAGUYEKERA!.

  • ufite imyaka ingahe twumve ko wavukanye imbuto

  • kahise kanyu nikabi guhagu gurukira kubantu nimihunda kandi nawe nakubonye kwifoto wabikora

  • Kuba umwami ntibisigura ko uba wavukanye imbuto.Gusa ni système de Gouverance igihugu cishingira na cane cane iyo kibona ko gifise ingorane zijanye n’ubumwe n’amahoro bwa bene gihugu hanyuma bakabitora canke ntibabitore babicishije muri REFERENDUM.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.