Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare
 Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare
 Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare
				
				mercredi 30 Ndamukiza 2014
Mu rutonde rw’ibihugu bikomeye kw’isi mu vya gisirikare ruheruka kugirwa, muri Afrika igihugu ca Maroc kiri mu vyashizwe imbere naho igihugu ca Egiputa arico kiri imbere.
Nk’uko bishikirizwa n’umurongo ngurukanabumenyi “Global Firepower” wama ugira urutonde ku mwaka ku mwaka w’ibihugu bikomeye kw’isi mu vya gisirikare, igihugu ca Maroc kiguma gitangaza ibindi bihugu, ubu kikaba kigeze ku ntambwe yo kuja mu bihugu bikomeye muri Afrika mu vyagisirikare.
Muri urwo rutonde hakaba hisungwa ibitari bike mu gusuzuma igihugu cose kugira barabe ibihugu biza imbere y’ibindi mu vya gisirikare. Muri uno mwaka w’i 2014, kw’isi yose hakaba hatowe ibihugu bigera kw’106, muri ivyo 22 akaba arivyo muri afrika.
Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’Uburusiya nivyo biza imbere mu rutonde rw’ibihugu bikomeye kw’isi mu vyagisirikare. Mu mugabane wa Afrika, igihugu ca Egiputa nico kiza imbere, aho kiri mu kibanza ca 13 kw’isi muri urwo rutonde.
Hakurikira igihugu ca Algeriya, hanyuma Ethiyopiya hagasubira Afrika y’Epfo. Igihugu ca Maroc kiza mu kibanza c’indwi mu mugabane wa Afrika, kw’isi yose kikaca kiza mu kibanza ca 65, inyuma cane y’igihugu ca Algeriya kiri mu kibanza ca 31 ku rwego rwo kw’isi yose.
Mwomenya ko, igihugu ca Maroc cari carasavye indege za gisirikare zigera kuri 24 (Avions de chasse) mu mwaka w’ 2008, kikaba citeze mbere no kwakira indege zirwanira hasi zituruka mu gihugu c’Ubufaransa.
Mariella Bukuru

Messages
30 Ndamukiza 2014, 21:44, par sukunoba desire
ndabaramukije.muzotumenyeshe nibihugu vyanyuma nkuko mwatumenyeshej ivyambere
30 Ndamukiza 2014, 22:20, par cala boka !!
None se nkubwo muba muvuz’iki mutatubariye ikibanza ibihugu byacu birimo?????
2 Rusama 2014, 15:42, par miburo
imbonera kure ziri kumwanya wa ZERO nukuvuga ko nta gisirikare uburundi bufise
3 Rusama 2014, 12:11, par Omariam
Burundi igira umwanya wa kangahe.
4 Rusama 2014, 07:17, par jonas
uburundi n’urwanda na congo vyo ni gute? ha, izo ndege zo hasi nibabe baraziretse, mbona na carashinikov iturembeje...i burundi. iyo bagira izo ndege zo hasi ku ngoro iraho yo mu kinanira biba vyabaye ibindi?...
5 Rusama 2014, 08:46, par Fasta Fasta
Uburund Muratubwir Ko Atagsirikare Dufis Ababishoboy Twironderere Umwanya.
6 Rusama 2014, 09:25, par BARARUTA
Turavye Imbonerakure n’izambere kw’isi kuko ntakindi gihugu gifise urwaruka rwica bene warwo nkimbonerakure zomuburundi.ubu zisigaye zirusha Interahamwe na boko haram zo muri Nigeria.
18 Ndamukiza 2017, 18:09, par oscar
niyihe ñgwanyi yitway neza kurusha abandi