IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwahoze arongoye abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD yahunze (...)

Uwahoze arongoye abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD yahunze igihugu

lundi 8 Ruheshi 2015

Uwahoze arongoye umuhari w’abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD, Genevieve Kanyange yarahunze igihugu. Avuga ko yahunze kubera hoba hari umugambi wo kumugirira nabi kuko adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru UBM News, Genevieve Kanyange yahunze igihugu atinya kwicwa hamwe no kwifatanya n’abasanzwe bariko bategura ibintu bibi ku gihugu.

Genevieve Kanyange amenyesha ko yari amaze iminsi aturatura, inyuma y’aho abagenzi biwe bakiri mu mugambwe CNDD-FDD babandanirije kumuburira ku biriko birategurwa kuri we.

Uwo arongoye umuhari w’abakenyezi b’umugambwe CNDD-FDD akamenyesha ko uko ibintu bimeze ubu, bishobora guhinduka umwanya n’umwanya, bigashobora kumera nabi gusumba uko biri muri kino gihe, aho amenyesha ko ata mutware agishobora gutanga itegeko.

Ibi bimenyekanye inyuma yaho hari amakuru avuga ko, uwundi mukenyezi wo mu mugambwe CNDD FDD, ndetse yahoze aramutswa amabanga akomakomeye nk’ukurongora bumwe mu bushikiranganji butandukanye nk’ubw’ubutungane, ubw’abakozi n’akazi hamwe n’ubw’agateka ka zina muntu, ubu naho akaba yari umunyamabanga w’umurwi wo kumenya ukuri n’ukunywanisha CVR Clotilde Niragira yoba yarahunze igihugu kuva mu ndwi iheze.


IGIHE

Messages

  • nagende azogaruka atawumutumyeko

  • uwitwa Vuganeza na Renovat.mwumva gut?hasigaye mwebwe?ikebuke mwandike ivyubaka igihugu!nababwiye konzosenga IMANA igakora icoyateguye kuko twebwe ntavyo tuzi.ariko yoyo ibona kure izobikora utenyenye gato.unomunsi nihahunga uwundi ubona iyindwi izohera musigaye mungana gute?IMANA ibahezagire kobashobuye guhunga.Ewe RUTUMO Jean.niwihangane azogaruka mwahevye umwuga wokwica!!!

  • NAGOMBA MBAZE IGITUMA NANDIKA IVYIYUMVIRO MUGABO SINDABIBONE KUMUHORA MURAKOZE.

  • NAGOMBA MBAZE IGITUMA NANDIKA IVYIYUMVIRO MUGABO SINDABIBONE KUMUHORA MURAKOZE.

  • NABANDI BARI INYUMA NUKO NA NDAYICARIYE YABUZE AHO ACA ABA YAROMOTSE KUKO IVYIWE VYARAMAZE KUJA AHABONA

  • Naho biruko ubwoba kumunyagihugu ntibwobura. Abafise iyo baja genda. Imana ntabwo izoduheba irazi ko yaturemye mw’ishusho yayo. Ubona guhera kurabo batuma abarundi dukena mwogira rimwe? (sincaguye umugambwe canke ubwoko) Mana duhe amahoro! amen amen

  • Nukuri imana ifise umugambi mwiza ku barundi kuko hari kuboneka abasiga vyos kukuguharanira ukuri aho tureme vuba na nyene kubitera arashikiriza ijambo(mbega imana) ejo niheza kumatora yemew nabos arimwo bose

  • NONE WANDITSE IBITAREKUWE N’AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA BIBIBONEKA NYENE.

  • barundi barundi kazi,mwesi muhungire mugwanda kugira mubone amahoro,naho muminsi irimbere ibintu bimeze nabi.

  • mbega nkwavu venant kutwiyumvira cane nikuberiki? wewe ushigikiye kumugambwe cndd fdd wosambuka urigito kuko nimba ataruko uvyirengagiza wibagira aho wakuye uburundi! erega abo bahunga ntibitangaje nokuri NOWA hariho abahunga uburongozi bwiwe, ibihumbwa nuko bimeze reka bituviremwo.

  • mbega nkwavu venant kutwiyumvira cane nikuberiki? wewe ushigikiye kumugambwe cndd fdd wosambuka urigito kuko nimba ataruko uvyirengagiza wibagira aho wakuye uburundi! erega abo bahunga ntibitangaje nokuri NOWA hariho abahunga uburongozi bwiwe, ibihumbwa nuko bimeze reka bituviremwo.

  • nkwavu. rekareka nsindamumenere ibanga kandi wobandanya umushigikira wobumukwegey kondamumenera ibanga!! nyamba atarumwe akunda kwiba abagabo babandi. yibuke hamwe bahigana numugabo wiwe bafiki? ntakindi ashoboye murundikazi yahunze umugabo, umugera wo uramubona! yoyoyoyo nubu navuge ndabivuge ahubwo nkwavu. rekareka nsindamumenere ibanga kandi wobandanya umushigikira wobumukwegey kondamumenera ibanga!! nyamba atarumwe akunda kwiba abagabo babandi. yibuke hamwe bahigana numugabo wiwe bafiki? ntakindi ashoboye murundikazi yahunze umugabo, umugera wo uramubona! yoyoyoyo nubu navuge ndabivuge ahubwo ntimunshavuze.

  • @ minani mwidusenyera igihugu nimugume ibujumbura ibyanyu birabagoye none ngo mwisuke mu rwanda reka ntimudukwegere izo mbonerakure interahamwe zadutwaye imbaraga none ngo muze mukenyere muhangane di

  • @renovat ariko se mwebwe uhunze ntimubura ikindi mwongeraho iyo sida rero muyimenye ahunze ko uvuga ko yirwa mu ba DD mu mwenda uvyibutse agiye yewe ibyanyu ni hatari niba arwaye sida numva asize abamaze abakongeje aba DD nihatari mutubwire nundi ugenda mujye mutubwira nta banga ryanyu

  • Mbega uyo muntu kuva 2005 yari muri Leta, ubu akazi karaheze, none icomubuza kuja mu karuhuko iyo ashaka ni nde? Bica vyitwa guhunga? Mbe abahunga baja gufata indege n’inzinga mu maboko? Arukwo hoho, abavuga ko bagomba kwicwa ni presque bose, uwo muhuje amaso aca agenda avuga ko agomba yicwe. Hariho n’abamaze kwicwa kenshi, mugabo baracari aha. Gusa ico carabaje akaririmbo.

  • Ba mureka kuza murashikuza basha ngo bahunze bagiye gufata akayaga kugira bagabanye amahera basahuye igihugu yabacugaye uzi amamilialidi bafise abandi bishwe na kigoye jebejeba ngo baahuunzee wewe ataco ufite uhereza amaboko kutagira iyuja ngugende gushera croix rouge amaherezo yinzira ni munzu

  • Ewe Nkwavu

    Hazohunga benshi mu burundi bagirizwa kugira ururhara muri putsh,basengere basabe imbabazi aho gusenga ngo bose baherere hanze,baracabandanya bahunga kubera abashatse gukubita coup d’etat ni benshi!!Ariko uyo vuganeza yarabanyuze,yakoze iki?

  • Nkumunyarwanda ukunda igihugu cye ndasaba abayobozi bacu bahagarike gukomeza gukorana byahaficyane nabo batarikuvugarumwe na Government yu Burundi mpejeje kwumvako amahanga yabibonyemo ukugiruruhare kwu Rwanda mukubabganira government yu Burundi mukuyiteza abaturage kuyigarariza.

  • @Kios

    Mugenzi, mweho ni mwihorere kuko akari inyuma namwe karahinda. Je abicanyi sindabashigikira, ninaco gituma nshobora guhagarara nkatunga urutoke ahongomba. Urazi neza inguvu ziri gukoreshwa kugira ngo abanyagihugu bo mu rwanda basinye. Urazi ko Kagame ashobora gukurikiranywa kubijanye n’ubwicanyi yagirizwa. Urazi ko ari gushakaguhindura ibwirizwa nshingiro ryanyu. Urazi ko FPR mu rwanda unomunsi ari monopoly party kuko mubihe vyose abaye kubutegetsi, Leta yose iri mukwaha kwiwe. Uwufise ikibazo adashaka kwishura, aca amwica. Nta bwigenge buri mu Rwanda. Abamwanka baramwanka, ariko bagatinya kuvugakuko boca bicwa. Ico kikaba arico gituma wumva abamushigikiye gusa. Ufise ikibazo kubijanye na genocide, uca witwa umu genocide denial. Mbega hari kazoza ubona muri uyu mukino wiwe? Nimba utarabimenya, amafaranga Rwanda ikoresha ni 50% ava hanze. Mundwi iheze, America yaramaze kuvuga ko idashigikiye Kagame mumigambi yiwe yo kwitoza kandi. Inyuma yaAmerica, hazoza Britain ( abacunguzi banyu) Hanyuma Isi yose. Ntiwibagire ko France izoba #1 mukumugwanya. Ico nashatse kukubwira nuko nkawewe ntiwari kuvuga nkuko kuko Ikibazo c’Iburundi nicahera nimwe muzoba mushikiriwe guhungira iwacu.

    ABANYARWANDA MWITONDE KUKO EJO MUZODUKENERA (guarantee). Twehoturagwanira Freedom, namwe naho?

  • renovat!!!!!! mbuze uko nogusigura! uri bwengebuke!

  • Mu burundi dukeneye abashingantahe/abagabo na bapfasoni bijambo badakorerakugitsure mukudata uburundimumanga nkaba tumazekobona.nabandinibagirakarangamutimakogukundigihugunabenewabo kuko igihugu nicatwese!abamazeguhebinyunguzabo muntumberoyokubogora igihugu turabakeje.tukabatuvumye uwowese afisimigambimi kuburundinabarundi.

  • @Renovat

    Sha tera igere rya nyuma urabikwiye. Ntakintwenza nku’umu dd abuze ico avuga. Mbega ko atakosha kumuntu mubona mukiriko musangira? Ehe incabwenge zose mwarazirukanye mumugambwe muzihora ubwenge n’urukundo bafitiye igihugu. Oh ico gihe niho natwe twaviriye mumuryango wabagumyabanga. Iyo umuntu ashize igihugu imbere ya vyose, ntashobora kwumvikana nabantu nka Nkurunziza, Adolf, Bunyoni, ndakugarika,... Kandi nawe ivyo urabizi neza cane. Iyo umunstu asokoye, muca mutangura kumwagiriza ibitagira ifatiro. Mubuze ivyo muvuganaho, muca mushaka kwigisha amacakubiri, mukitwaza ngo abatutsi barabanka. Jewe ndi umuhutu, kandi nkunda umuhutu n’umututsi. Iyo muba mubikora kurukundo mufitiye abahutu, Rwasa, nabandi benshi ntibaba bama mukinyegero. Mbega ntubona ko Intsinzi y’abanyagihugu igiye gusasa mugihugu? Temba bigira bihere kandi ndazi ko nawe ubibona. Ehe raba imiryango yaba Adolf yahungishijwe uwiwawe ikiraramye ngaho ubuze nayo gusuma indagara. Ariko wihaye kuba umuja w’umuntu umwe adashobora no kwiterura. Komera!

  • Mana yo mw’ijuru kiza abanditsi b’ibinyoma jewe ndemeza neza Mana yanje ko Uwo Mupfasoni yubashwe kandi yiyubahiriza atarigera ,atariko kandi atazokwigera ahunga kuko mu bantu bùbahitse batinyiste bazi ubwenge babanza guhekenya amajambo bavuga biyumvira imbere yo guko,bahanura bakongera bagahanuzwa arimwo mbere nakomere yongere yihangamire ku mabanga yajejwe ni gihugu .Ivyo ni ivyipfuzo vy’abashaka kirya kibanza

  • Ivyo Muburundi !Ndarindiriye Ababona Ukuri Mugihugu Baratotezwa !Biragoye!

  • okay nibiki ariko nu urwanda ko mwarwihaye nicyo gihugu kirimo impunzi za abarundi nibiki ko mwivanga mubitabaraba mwicare peter abatware mutamushaka mukore ibyo mukeneye ariko urwanda muruhe amahoro ko muguma murwikoma nicyaha rwakoze kwakira impunzi none nicyo gihugu kimaze kuzakira gusa ahandi ko hatavugwa ewe rwanda warigorewe kweli

  • okay nibiki ariko nu urwanda ko mwarwihaye nicyo gihugu kirimo impunzi za abarundi nibiki ko mwivanga mubitabaraba mwicare peter abatware mutamushaka mukore ibyo mukeneye ariko urwanda muruhe amahoro ko muguma murwikoma nicyaha rwakoze kwakira impunzi none nicyo gihugu kimaze kuzakira gusa ahandi ko hatavugwa ewe rwanda warigorewe kweli

  • mbe minani urasara? mu rwanda wibaza ko ariho haramahoro? rindira kazima kagame atanguye gukabakaba ibwirizwa nshingiro.

  • mbe minani urasara? mu rwanda wibaza ko ariho haramahoro? rindira kazima kagame atanguye gukabakaba ibwirizwa nshingiro. jimmy erega unyise umusazi ntibintangaza!! wewe nihobugera.

  • sha nkwavu ndakwibarize gato nimba ataricaha kuko benshi kuvuga ubwoko umengo nicaha woba ufise ubwoko nyabaki? ndifuza ko nuwiyita okay anyishura kwico kibazo. kuko ndafise ikintu ngomba ndabakebure.

  • Nn Kobagend Ngobahunzigihug Kand Atantambara Ihar?Muburund Ahubwo Babarabeneza Kuk Mwosang Arib Barikobarategur Intambar Bakivugish Ngobarahunz Kotubon Muburund Hatekany Iyontambar Bozakuyerekan?Ahubw Jew Nosab Ubucamanz Kugirak Amatohoz

  • tugiye buba abande abantu tugererznywa nk’agati kari mukiyaga?

  • @Renovat

    Muvyo navuze vyose, urabonye ko ataco ushoboye kwishuramwo, ariko igikuru ubonye ko woronka ico uvuga aruko umenye ubwoko bwanje. IYI NIYO NGORANE YANYU!!! Abantu biyumvira nkuku ntabwo botorera umuti igihugu. Ariko reka ndakumare amazinda. Jewe ndi Umuhutu nkuko nari nabikubwiye. Ndazi ko mudashaka kwumva ko abahutu tudashaka kuba ibiraro vyanyu, ja ngaho umparirize unyite umututsi, vyose ntakibazo bintera. Abacu bahitanywe n’ibitero vy’aba dd muzobaturiha? ko twari abagumyabanga nkamwe ico twari dutandukaniyeko kwaruko twe twashaka kubona iterambere ry’Igihugu mugihe mwebwe mwipfuza kubona iterambere ry’inda zanyu. Nimba ari urukundo mudufitiye, mbwira umuhutu atari umuja wa Nkurunziza agendera kumenya, akiyamamaza, akitwara nkuko igihugu ari icamavukiro yiwe. Genda mubeshe abandi Abahutu n’abatutsi twese turazi ivyo murimwo. Ejo canke hirya yejo tuzobibariza neza rindira.

  • Guhunga siwo muti.Iciza nuko botunganya imitima.Yesu ataraza urupfu rwoza.Muze duhebe ivyaha twigire mw’ijuru.Mana fasha uburundi.

  • KAGAME NAHAMAGARIRWE KUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGA KUKO NTAGIRE NGO AZOKOROHERWA....
    TURIKO DUTEGURA IMYIGARAGAMVYO....MANDAT ZIWE ZARAHEZE NAKINJURE.

  • Renovat,jew ubwoko bwanje nd’umututsi,nkaba narezwe nabahutu abavyeyi banje bapfuye gushika nubu turabana hamwe.wumva wozana ivyubwoko gute?teshwa ute ntawuhora kungoma.wewe narakubwiye tuzoguma tuyaga mpaka muvuye kungoma.nube uvuga ivyubka igihugu

  • kinyoma izina niryo muntu. renovat icari kuba ciza nuko utari kuvuka. maman wawe yarahomvye basi! kuvyara umwana ataco ashobora kumarira igihugu? ndamuhojeje pe! abafise ingorane n’u rwanda birumvikana: mubo mwashaka kumesa hari ababacitse.

  • WOWE OKAY,

    Nibyiza kugaragaraza ibintu uko ubyumva, ariko jya ukuresha ubushakashatsi buri ubwenge. ( situational analysis based on geopolitical facts and evidence based) iyo ureba uko ubuzima bw’igihugu bwifashe, mubya politike, ubukungu, imibereho myinza yabaturage ( ntabwo ngereranya Burundi nu Rwanda ubyumve neza) nziko ntacyo byakumarira ( even though you can dissociate to two). Kubijyanye nu Rwanda usubire inyuma imyaka nka 20, urebe uko politike, imibanire n’ibindi bihugu, urebe imibanire yabatuye igihugu, urebe abanyapolitike baba hanze yicyo gihugu ( ibi uzabikire utabogamye). Nurangiza ureba imibire itangwa na international insititutions ( World Bank, IMF etc), hamwe n’ibindi bigaragaraza ko igihugu kizajya mu ntambara, abantu bagahunda, imyigaragambyo ( imyirekano nkuko mubyita) ikamara iminsi iranga 40 uzamenya ko mu myaka icumi (10 ans) icyo gihugu kizagira intambara.
    Naho ibyo USA, UK na France bavuga niko bizahora kubihugu byinshi by’ Africa, aho bitantdukanira n’uko buri Igihugu kifate imbere ya international community n’ubushobozi bwa politike kubihugu bitandukany, Uburundi nu Rwanda birimo ( management of the pre and post election period)

  • @da

    Baca umugani mukirundi ngo kuvuga menshi siko kuyamara. Nkico gisomwa wanditse kingana uko ariko ukaca uheza udashitse kuri point yawe, ubona bidateye agahinda? Murivyo vyose natanze, woshobora kudomako igitari fact? Hanyuma nawe umpe fact yaco? Erega that’s not how debate rules work. You can’t just label one’s facts "non facts" and then attempt to move on without proving YOUR position on the case. RULE #1 Never reply to someone’s comment in two different languages without any sort of awareness that the writer may or may not understand what you’re saying. It is considered RUDE and disrespectful in our region. Typical rwandans are always trying to show off and then break that rule in process. Get your life together first and then get some common sense before you consider coming back here. Nimba atacongereza turi gukoresha, nuko bensi twishimira kuba abarundi kandi twubaha imico yacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.