Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uwundi mugore yemeza ko afise umwana wa Justin Beiber
 Uwundi mugore yemeza ko afise umwana wa Justin Beiber
 Uwundi mugore yemeza ko afise umwana wa Justin Beiber
				
				jeudi 30 Rusama 2013
Abegereye umunyamerikakazi bavuga ko umwana afise ari uw’umuririmvyi Justin Beiber. Uwo mugore w’imyaka 25 yoba yaramaranye ijoro ryose na Justin i Miami.
Iryo joro rero bamaranye ngo yahavuye asama imbanyi iraheza ivukamwo umwana w’umukobwa. Aho haraheze imyaka ine umuririmvyi Justin yarafise imyaka 15 yahavuye rero yibaruka mu nyuma muri uwo mwaka nyene, Justin Beiber akavuga rero ko ata kintu abiziko.
Uwo mugore ngo yashatse gukingira umwana wiwe nico gituma yahisemwo kubihisha. Ku bwiwe uwo mwana asa na Justin akingana nawe.
Umuryango w’umuririmvyi Justin warabihakanye. Ivyo ngo vyaheruka kuri Mariah yeater haraheze imyaka ibiri. Uyu nawe kandi yari yemeje ko umuririmvyi Justin ari se w’umwana wiwe, niho basuzuma kwa muganga ariko basanga n’ikinyoma cambaye ubusa.
Prosper Ndayikeza
