IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Uwundi muntu arwaye ebola muri Reta zunzubumwe z’Amerika

Uwundi muntu arwaye ebola muri Reta zunzubumwe z’Amerika

mercredi 15 Gitugutu 2014

Muri Reta zunzubumwe z’Amerika habonetse uwundi muntu arwaye indwara ya Ebola, mu gisata c’ubuvuzi.

Uwo muntu abonyweko iyo ndwara akaba akora mu gisata c’abaganga i Texas. Uwo akaba aje akurikira uwundi muforoma w’imyaka 26 aheruka gufatwa n’ico kiza, uwo nawe akaba ariko arakurikiranwa, inyuma y’aho yandujwe n’umugabo wo muri Liberia.

Umwidondoro w’uyo yafashwe n’ico kiza ca ebola nturamenyekana, ariko bikavugwa ko nawe ari mu bavuye uwo munyaliberiya Thomas Duncan. Abategetsi bo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika bakavuga ko bariko barakurikiranira hagufi uwo yanduye ebola,co kimwe n’abandi bagera kuri 48 bahuye nawe. Ishiraamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS rikavuga koabantu bagera kuri 4447 aribo bamaze guhitanwa na ebola.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turashira,ahubwo abashakashatsi nibanyarutse gutora umuti w’ico kiza nahandi ho twebwe abanyafrika tuzohera naburya dusanzwe dufise amikoro make

  • Mwoye kuvuga ngo turashira kuko umuti w ibigoranye n ukubishikiriz IMANA. Ibidashoboker abantu bishoboker IMANA. Pole sana nyinyi wenye oga ila Mungu ni muweza kwangu. Mana, garukir umuntu kuko ubwoba buramurembeje gir ic ukoze mubo wiremeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.