IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwuserukira Uburundi mu Rwanda yishikiye ahahungiye abarundi

Uwuserukira Uburundi mu Rwanda yishikiye ahahungiye abarundi

vendredi 3 Ndamukiza 2015

Uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Urwanda yishikiye kuraba abarundi bahungiye mu Rwanda, nk’uko aya makuru tuyaakesha bagenzi bacu b’ikinyamakuru Izuba rirashe.

Nk’uko ico kinyamakuru co mu Rwanda kivyandika, agahinda niko kagaragara mu maso y’uwuserukira Uburundi mu Rwanda, abonye utwana tukiri duto twahungiye muri ico gihugu. Alexis Ntukamazina aserukira Uburundi mu rwanda rero akaba yiboneye abana bagera 125, ariko bikavugwa ko abarundi bagera ku 202 bahungiye mu Biryogo, akarere ka Bugesera kuva mu ndwi iheze. Abo bahunze, bakavuga ko abatinya iterabwoba bagirwako n’Imbonerakure za CNDD FDD, aho mbere abo banyagihugu bemeza ko urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri kubutegetsi ruguma ruhabwa inkoho z’ukuzica abadashigikiye umugambwe CNDD FDD, nk’uko vyandikwa n’ico kinyamakuru.

Mukamenya ko abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo mu makomine ya Bugabira, Busoni na Kirundo aribo bavugwa ko baguma bahungira muri ico gihugu c’Urwanda.


Aristide Nizigire

Messages

  • abonabatutsi bomukirundo bagiye kwirabirabiwsbo gusa bafise iwababwiyeko hagirahabe intambara ariko nikobama nimburakimaxi bamenyereye ivyapamu bakitwaza imbonerakure

  • niko bitangira ngo nugusara nibihangane kuko imana niyo nkuru Nkurunziza natisubraho nabandi barinjira Tanzaniya bidatinze

  • Mbabobantu cane cane abobakuze barengeje imyaka 30 yamavuka ndabibarize , mbega muntambara twahitiyemwo zibicane zirdyane zamoko mwahingi mukihegihugu? Amatwi anshumira urworwanda rwaruhari ngwariko ntimwigeze muruhungiramwo! Ndababwizukuri mwebwe muragowe nukuri abarundi benewanyu babagire ibikoreshovyabo ngovyokugira kwisiyose bumveko abashaka gukura ubutegetsi buriho bwigihugu canyu bashigikirwe, ikindi utwotujambo abobanyarwanda bazabarababwira ngonimivuge gutinagiti namwemukemera ndababwiyeko arumuvumo ukomeye kurimwebwe ndabibabwiye ivyomwavuze ngohazokwucwa abatutsi ngokubera badashigikiye Cnddfdd icontikizigera congera kubangaga Burundi, ndababwira koko hariho bamwe murimwebwe bamaze nokuvuga ukuntu abanyarwanda bababwira ivyomwovuga vyotuma mutanguragufashwa mumisi bizojahabona.

  • Ariko ga wewe wiyise kirundo niwaba ufise amaso abona neza , ukarabisha amaso y’umuntu afise umubiri ushobora gukomereka kandi ukabora ukaribwa n’inyo, muri abo bantu booooose bari ngaho wabonyemwo abatutsi ? utanahageze ngo amaso y’umutima n’umubiri abikwereke ? genda sindakubesha uri UMWUNGU WA RWARUYUZI ! ariko ntaho uriko uraja kandi ntaho uriko urashika ! uzoguma aho nyene uri ntubone imbere kandi ntubone inyuma! Ndakwifurije ko woguma aho nyene ntutere imbere kuko ntaco vyokumarira !

  • JEWE NUMVA ARI HATARI .NONE UBURUNDI BWACU!BUGIYE KUBA ITONGO.MANA TABARA ABAWE.

  • Reka bahunge nanje ndacari mubuhungiro muri amerika kuko mbona ko muburundi ntama horo ahari.

  • mbega uwomuhimbiri yiyita kirundo narindire gato nawene adapfuye ndazi arahunga.

  • ewendimasosha uratwenza haruwundimuntu yohungigihuguvatantanbarairiko iraba nawe uriwe iyonimitwe yakagame yabuzuko ashika kuburundi ejo uzunvavugako agirakingire imbibeziwe kubera imipango yabatutsi nonehi haruwavyanditse neza avuzengo ejo muzumva abagiye tzt ndakubwire ntamuhutu yohungira murwanda kandi ntamuhutuyahunze azosubira guhunga gusawewe ufise vyunyegeza niwewe uzipfudateyimbere mukiribintubmwinyegeje muragowe

  • Abo bantu si impunzi z’abarundi. Bamwe ni abanyarwanda bavuye mumisozi baza ngaho ngo ni ikambi y’impunzi, abandi ni abanyarwanda babaye mu Burundi kuva kera batashe iwabo; abandi nabo ni abarundi bo ngaho mubugabira biyamira murwanda kuva na kera. Abandi ni babandi bababwira ngo baja guca ingero mu Rwanda ariko bahamagawe n’ubutegetsi bwa Kagamé, bufise ico bubakoresha. Bameze nk’utunyoni twabonye intete z’umuceri tukaja kunoba ntitumenye ko ziri mumutego w’ubukira bwa Kagamé. Abo rero barafashwe n’umutego. Baravye nabi uzobavuna amababa, canke ubahitane; ikibabaje n’uko tutaravye neza bazoba udutete dufatisha abandi, mbere n’igihugu c’u Burundi cose. Kanura mubone!

  • Je muravuga amajambo ataramereye; ntaco mwimena umutwe wubusa, igihugu nico Imana; ivyoba yose irabizi niyo igifitiye programme.Mwirinde akanwa kabi kuko ntaco gahindura. Vos pauvrestendances éthniques; c’est périmée, ntaco mwiteranya n’Imana muguhandwa ku rurimi; uko ni ukutamenya

  • Muce mundabira namwe: umuntu yirirwa aratunganya ibikorane bene umurango babona agatumira n’abavugabutumwa bava hanze bakaza, abaririmbiramana bakomeye bagashwabaduka bakikora mugahogo eka nawe nyen akabafasha ubona ko nawe mukuririmba bitamurwa nabi. Ivyo vyose bimaz kurangira aca afat ibendera muzi ko twese twubaha agahumiriza ngo asengeye" igihugu cacu c’ uburundi" none raba ivyo vyose arabirenzeko amaraso agir aseseke. Mbeg iyo Mana yasenze n’imwe dusenga?

  • uyo yiyita Kirundo nibamufate bamufate bamutware kubaganga basuzuma indyara zo mumutwe bamutere umuti witwa Largatil 10mg I.M.
    Wamusazi we,ahubwo uri Ikigobogobo.
    Wa ntwerume we itagira umurizo!

  • None izomponerakure amaherezoyazo ?nayah? Bazobaze abo kwabagbo mûri cote divoire inyungu barose

  • wewewiyota maramvya urahaze ahubwo mwebwe nimwe mugwaye kundusha iyumuntu abakubisahomubabaramuraboroga uyomuti nibawugutere bawe mbona wshahamutse mugimbagutera intambarakunguvu nokuyitera mumvyiyumviro vyanyu abashonjebonse ngobahunzuntambara nsabisubiyemwo nimitwe yabatutsi baribarabuzuko bajamurwanda keiga ikibi mutoyumugambi wogushingikambi gwintambara irateye irimumitima iwanyu mwahahamutse murahowe

  • none ko ari abana bato n,abapfasoni gusa?abagabo bo canke urwaruka ririhe?biteye amakenga

  • MANA FASHA ABARUNDI KUKO AHO BUGEZE IYISAHA NAHAMANUKA NONE UWOMUKURU WIGIHUGU ADAKURIKIZA AMATEGEKO WE NIBIKI?

  • IVYIZANUKO ABATEGETSI BIBURUNDI BOVUGANANABO MUGWANDA KUGIRA IVYIZOMPUNZINTIBIZOKONO UMUBANOWIVYOBIHUGU NAYAHANDINIBABAHE UBUHUNGIROTURINDIRE IBIZOVAMUMATORA

  • Emwe mwa mponerakure mugiye guhona vuba. mwoshak mwotekerez kuko vuba imana igiy kubarandurana nimizi mukanya isase. Izo nkoho mwakiriye Ngo muhonye bend wanyu nimwe zgiy guhonya

  • Inkanbi kwugururwa ni vyiza kuko bazuguruye babona ko muburundi atari heza nabo abo bavuga ko ari politique boba bari mubaronkera inyungu muntara abarundi turiko turahona tubita ibihemu MANA fasha ivyo bihemu bitwenga Uburundi bugeze habi fasha npunzi aho iri hose .

  • Birababaje cane kubona abarongozi b’uburundi batumaramaje inyuma y’imyaka cumi tumaze twihaya KO uburu du bwateye intambwe yoguhamba amacakubiri ndetse n’umukuru w’igihugu yaravyovugiye! None unomusi beneburundi bataye izabo kubera kagatima k’amacakubiri ariko ubuho nibazako ababikoresha arukugira bahende abarundi hanyuma bagume babashira mubuja! Ndasavye retard ihari Ubu irute izindi zagiye zirabisikana mukwubahiriza bene Burundi Bose hanyuma duteze imbere demokrasi n’iterambere.

  • Mbe abo bantu biyita imbonera kure ntanyama n’amaraso bafite se Akabigira kabizi karya imboga karitse tuzohura one dy.

  • abantu bahunga ntibahunga ubusa akari inyuma karahinda.ababizi barabizi.imana yo nyene niyo izohadukura.

  • GARUKIRA UBURUNDI MANA KUKO NIWE WOFATA INTAMBWE YANYUMA KUKO IBINDI NTIBIGIKUNDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.