Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi (...)
 Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi wabo
 Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi wabo
				
				mercredi 7 Nzero 2015
Vumiliya Ndayisenga arongoye umugambwe FNL ishami ritemewe na Reta asaba ko amatohoza yoba vuba kandi abagirizwa kugandagura umunywanyi wabo bagahanwa bikurikije amategeko.
Ivyo uwo mupfasoni arongoye uwo mugambwe akaba yabishikirije inyuma yaho agaragarije amakenga ko bamwe mu bafashwe kubera biketswe ko aribo boba barakoze iryo bara, boba bagira bakurweko icaha, vyegekwe ku bandi. Abo banywanyi b’uyo mugambwe bakavuga ko ihohoterwa bariko baragirirwa mu gihe amatora yegereje ryohagarara. Vumiliya Ndayisenga akavuga ko umwe mu banywanyi biwe yanyurujwe ku musozi wa Kigomango, mu gihe uwundi yishwe, n’ubu abamugandaguye bakaba bataramenyekana.
Musitanteri wa komine ya Muyinga Deo Rwamuhizi we akaba avuga ko umutekano muri komine yiwe wifashe neza, ariko ko atanyambo ibura agahonzi, igihugu gitonderewe n’ubunyegeri. Musitanteri akaba yavuze ivyo mu gihe Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD zimaze iminsi zidaca uwaka n’abo banywanyi ba FNL.
Aristide Nizigire

Messages
10 Nzero 2015, 19:59, par PAPACLOVI@YAHOO.COM
UWISHE WESE AGOMBA GUKURIKIRANWA NKUMUNTU YISHE HYENE HATISUNWE UMUGAMBWE ATURUKAMWO.UKICA N,UKWICA NYENE UMWICANYI AGOMBA GUHANWA.