IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umuhora wa Smart waratanguje umugambi wo gukorana n’abaririmvyi

Umuhora wa Smart waratanguje umugambi wo gukorana n’abaririmvyi

mardi 8 Ndamukiza 2014

Umuhora wo gutumatumanako amakuru Smart watanguye gushira mu ngiro imwe mu migambi wari wiyemeje gukora inyuma y’aho uhinduriye izina. Bimwe muri ivyo bikorwa harimwo gukorana n’abaririmvyi b’Abarundi mu ntumbero yo guteza imbere umuziki w’Uburundi. Abaririmvyi basabwa kwerekana ibikorwa bitomoye mu muziki wabo.

Inyuma y’aho umuhora wo gutumatumanako amakuru Smart uhinduriye izina, ukanashikiriza imigambi yo gufasha abanyagihugu mw’iterambere, muri iyo migambi harimwo gufashanya n’abaririmvyi b’Abarundi mw’iterambere ry’ibikorwa vy’abo. Ico gikorwa caratanguye. Iyugururwa ry’ivyo bikorwa vyatewe iteka na bamwe mu baririmvyi bamaze kugira aho bishikanye mu mwuga wabo wo kuririmba, aha twovuga nka Rally Joe, Mkombozi, Sat-B, Chany Queen, R Flow, Happy Famba n’abandi. Hari kandi Bruno Simbavimbere batazira Member arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi, hamwe n’abarongozi b’umuhora wa Smart ufise icivugo Let’s talk.

Ni akaryo keza rero ku baririmvyi ko kwerekana n’uguha agaciro ibikorwa vyabo, uwo muhora nawo ukazofasha, haba mu gutegura ibiteramo, isabukuru, canke mu bindi bikorwa vy’abo baririmvyi.

Amwe mu masanamu yaranze uwo munsi wo kwugurura ibikorwa :


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.