IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Willy Nyamitwe:" Iyo umurwi ari uwo igihugu uba wigenga"

Willy Nyamitwe:" Iyo umurwi ari uwo igihugu uba wigenga"

samedi 26 Nyakanga 2015

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe,amenyesha ko ishingwa ry’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi CNDI ari inyishu ku banyagihugu n’abanyamahanga basavye ko haba ibiganiro.

Willy Nyamitwe avuga ko naho uwo murwi washinzwe ata biganiro bihuza Reta n’urunani CNARED bizobaho kuko urunani CNARED rutazwi n’amategeko y’Uburundi.

Ku kibazo co kumenya nimba umurwi CNDI wigenga kandi mw’izina ryawo atabirimwo,Willy Nyamitwe avuga ko icerakana ko wigenga ari abawugize kuko bava mu mpande zitandukanye z’igihugu.

Willy Nyamitwe avuga ko iyo umurwi ari uwo igihugu,uwo murwi uba ari uwigenga.
Mwomenya ko umurwi CNDI ugizwe n’abantu 15,ukazotwarwa mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Van Naris Mugisha

Messages

  • ibiganiro bikundwakaza bamwe bigakumira abandi mbona ataho bizoshikana uburundi.nugusesagura ubunzi bwigihugu gusa ntakindi!!!ariko mwibukeko muri kahise cndd itarizwi mumategeko yigihugu cuburundi ariko agahengwe kose twahoze dufite twakaronse kuko reta yarihari yemeye kuyaga nuwo wese afite ico aterera mugihugu....kananirabagabo ntiyimye!reke gushira inda zanyu imbere kuko abanyagihugu batobato turarushe .....

  • Irambire mutama abonabo ba,nyangoma nabandi bashaka gushinga utugwi tugwi ngo nurunani bashakaho batangurira intambara umunt azobavugutira umuti

  • Nne utwagwa mubiro vyumukuru wigihugu vyukuri uzoba wigenga?

  • Nne utwagwa mubiro vyumukuru wigihugu vyukuri uzoba wigenga?

  • Umurwi wigenga utwarwa muri presidence uba wigenga gute? Mureke gufata abarundi nkibikehabwenge kuko aho mwabukaranga twari musi yurujo.

  • reka kudutesh umwanya iyo ninkinamico. urabazi abo muganira. Concilia, Njangwa beko,Kazabukeye, nabandi bamenyere gufyeta isahani yanyu. Ariko mumenye k tot ou tard amaraso y abarundi azobahumira. Bandanya mwica

  • NONE NKAWEWE NYAMITWE aho wewe Urakunda abana bawe umuryango wawe u Burundi bwagukujije uko kwari kugukebura ntuze usubire kuvuga ico wishakiye ku Burundi ico utazi urabaza peter mureke yihitane canke muzojana sikera nejo SIDUMUJA

  • abarundi turakanuyubu sha mitwe ubwubwenge muzana ntibubaho twebwe dukeney amahoro gusa.abo mwankako mwicarana nibodushaka ko muvugana twironker amahoro.ataruko natwe abene gihugu tuzofatamahiri tubomore mubasange hiyo abonyene mufamada aho bahungiye turabeko mutazokwicarana mwamihimbiri murikomwangaz abene burundi.nimwikubitegashi.izondazanyu muzifungimikanda muronder amahoro yabene gihugu aho mwihamanyo yabatwenzi murateyisoni pe.nne mitwe falao uvugira ntiyakwije kwiba nne ntiyobis abandi bakiba twebwe bene gihugu tukironker amahoro

  • CNDD/FDD igihe yari mw´ishamba yaganiriye kuko yari yemewe n´amategeko?????

    Jewe hari abantu bantwenza kabisa!!!

  • Abarundi nimuve ibuzimu muje ibuntu muracahendwa nko muri 72 aho abajerere bamaze bene wabo ngo bariye amahera y’igihugu,mbe iyo muvuga ko ibiganiro atavyo mukeneye muba mushaka kuvuga iki konziko abategerezwa kuja mubiganiro ari abarundi abo muvuga ko bakumiriwe nibande? uwufise inyishu ansubize.M’Uburundi habaye imigumuko yabarondra amagaburanyama babonye ko bibananiye bati dushaka ibiganiro,Leta iti nimuze tuyage babuze ivyo barondera barungika abanyabujumbura naho nyene atari bose kuja mumabarabara nabo aho kugira abe aribo babaja imbere baca batarukira mu Rwanda kwinywera amata none ngo ibiganiro nabahekuye u Burundi n;Abarundi.Iyo CNARED muvuga igizwe nabande ko ubwayo itanabaho niba mugira ngo ndabahenze ni musome imirasire muramenya ivyayo aho nshatse gusubiza abiyita Fefe,Bizi,Freedom;abo murondera canke abo mugomba kobaja mubiganiro bari muri CNARED ntibabaho kuko barakubitanye imyereka.......Ndakurugutura ubukurugutwi ntibubavamwo none ngiriki ga basha?

  • Nyenicubahiro Nyamitwe Willy ndagushigikiye 100% kiryakirwi ca Nyagoma nibabanze barungike mu butungate baryabose bakoze ibidakwiyegukorwa, nayokugerubu kiryakirwi tukibona nkicabakoze amabi ahitiye gusa, twebwerero ntitumeze nka Kagame apoperanya abantubose ngobarakoze amabi, uwutakoze amabibi azoheza yemererwe kwicarananabandi mubiganiro ariko atajava mu kirwi citwako bagisangiye nabakoze ibidakwiye gukorwa, murirusangi twosaba ibintu bibiri: Icambere kwikura mwicokirwi baryabose bakoze ibidakwiye gukorwa bakabashikiriza ubutungane icokirwi cokwicarana nabandi bigakunda, canke abaziko badashigikiye biryavyakozwe vyoguturira abantu, guterakudeta, gutera amarukete, gutera ibitero Cibitoke na Kayanza, guturira amatungo yabenegihugu, abobadashingikiye abakoze ivyo bavemwicokirwi kandibavyerurebanti ntidushoboye gutanga abakoze ayomabi ariko twitandukanije nabo atitwebwe tubarizwa mwuyumurwi witwa’ .........abobobabavuzegurtyo niboboheza bakitabira ibiganico cokinwenabandi,

  • Mbe mwebwe ga Nyamitwe mukuva mwishamba ko reta yemeye ko muganira?mwanka mwemera muzokumva Imana izotinda ibadahwa kurya yadashwe adolph.

  • Mbe mwebwe ga Nyamitwe mukuva mwishamba ko reta yemeye ko muganira?mwanka mwemera muzokumva Imana izotinda ibadahwa kurya yadashwe adolph.

  • Mbega uzogeza ryari kwama uvuga amahopa ubesha? wewe uzokura ryari? so akwanka akuraga ivyamunaniye!! Amaraso yabene Burundi azobahumira vuba bidatevye!!

  • Ewe nyamitwe mwebwe aba DD murasukana.Aho ntiworeka guhenda nkurunziza burya rwokamba siwe yosigara ararwota wenyene??

  • Jewe ndumva hari abagomba gushigikira abanyamafuti CNRD nyimba ari sinahedi yo ubwayo ikoraniwemwo nabantu bagirizwa amanyanga meshi ayimigumuko no guturira abantu mu mapine,no gukubita cout d’état nibivangure ubwabo hama baganire noneho uwuzwi kwafise i yagirizwa abanza kugihanigwa.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.