Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Mukakaro 2018,Juma Edouard yamenyesheje ko umwihwezo bakoze inyuma yaho ikibazo ca Reta gikozwe “Concours National” basanze abanyeshure bararenze amategeko bongere berekana imyifato yo kutagira indero arico gituma izo ngingo zifashwe.
Juma Edouard yavuze ko abanyeshure bahevye ishure bazohanwa hisunzwe itegeko nshikiranganji inomero 610/1076 ryo kuwa 17 Mukakaro /2017 kandi amanota yabo yo mu kibazo ca Reta azoba impfagusa.
Uyo muvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’imyuga yavuze ko amashure amaze gukora umwiherero wa mbere w’abanyeshure “Deliberation” abwirizwa gufatira ku mwihwezo wa kabiri kugira abanyeshure bunguruzwe.
Juma Edouard yasavye abayobozi b’amashure mu ma komine kubimenyesha amashure hamwe no gutanga urutonde rw’abanyeshure berwa n’ico kibazo.
TURUBABAZWA NINGENE IVYIYUMVIRO VYACU BITEWERERWA KUJA AHABONA.