IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Francois Fillon yatahukanye intsinzi mu matora y’ibanze

Francois Fillon yatahukanye intsinzi mu matora y’ibanze

mardi 29 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Francois Fillon yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa yatahukanye intsinzi mu matora y’ibanze, aho yahiganwa na Alain Jupe, nawe nyene yahoze ari umushikiranganji wa mbere.

Francois Fillon akaba yatahukanye amajwi ashika ku bice mirongo itandatu n’umunani kw’ijana, Alain Jupe bahiganwa atahukana ibice mirongo itatu na bibiri kw’ijana. Intsinzi ya Fillon ikaba ari iyimuha uburenganzira bwo guhiganigwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu, mu matora ategekanya kuba mu mwaka uza, nk’uko bivugwa na VOA.

Muri iryo higanwa, binuganugwa ko azorihuriramwo na Marine Le Pen arongoye extreme droite. Nayo umukuru w’igihugu Francois Hollande, agiye guheza ikiringo ciwe c’Umukuru w’igihugu akaba ataramenyesha namba yoba ategekanya gusubira kwitoza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.