IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Inama Nshingamateka yize itegeko rigenga ingene ibitungwa bigaburirwa

Inama Nshingamateka yize itegeko rigenga ingene ibitungwa bigaburirwa

jeudi 2 novembre 2017

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Dr Deo Guide Rurema yamenyesheje ko iyo nteguro niyemezwa ikaja mu ngiro bizofasha kuko amatongo yokwororemwo ubu ari mato ari naco gituma abantu bakwiye guhindura ingendo n’ivyiyumviro mu kworora kijambere mu mpongore .

Docteur Deo Guide Rurema yavuze ati : “ Amatongo ni mato n’ico gituma dutegerezwa kwiga ukwo tworora mu ruhongore kuko aho kworora inka nyinshi zidateza imbere imiryango twopfuma tworora inka nke ziteza imbere imiryango.

Mu bibazo abashingamateka babajije umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi hariho icerekeye ubukene bw’abaganga bw’ibitungwa bwibonekeza mu gihugu hamwe n’ubukene bw’impfizi za kijambere.

JPEG - 41.5 ko
Dr Deo Guide RUREMA, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Deo Guide RUREMA yishuye ati : “Abaganga b’ibitungwa bashika 50 bariho mu gihugu ndetse muri buri komine hariho abavuzi b’ibitungwa ,twarasavye ko hoba izindi mpfizi za kijambere ariko ntivyagiye mu ngiro habonetse nkeyi zaciye zishirwa mu ntara .”

Uyo mushikiranganji yongeye ko igihambaye ari ugushira agaciro imbere k’ibikorwa niyo bigiye gukorerwa kandi ko bariko barasaba kugira haboneke abahinga boza kwigisha abavuzi b’ibitungwa biyongere.

Ku bijanye n’ibiciro vy’inyama vyoba bimwe mu ntara zose,Deo Guide Rurema yishuye ko bazobikorana n’ubushikiranganji bw’ubudandaji kandi ko kuko bariko barashiraho amacuniro menshi ko bizoshoboka.

Abantu batunzwe no guca ubwatsi ntibazoba bacemererwa gukora ico gikorwa kuko atawuzoja guca ubwatsi mw’itongo ry’uwundi ,uyo mushikiranganji agasigura ko ari naco gituma hagiyeho umugambi wo guca imikobeko itegwako ivyatsi bigaburirwa ibitungwa.

Bitegekanijwe ko iryo bwirizwa rizokwirikizwa imyuma y’imyaka ibiri niyo ryemezwa rigatorwa uburyo bungana umuriyare n’inusu w’amafaranga y’amarundi ariyo ategekanywa kuzokoreshwa mu mwaka uza wa 2018 n’ico gisata kugira iryo bwirizwa rije mu ngiro.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yasavye ko ubworzi bwfatwa nk’umwuga nkuko bikorwa mu gisata c’uburimyi abayobozi b’intara bajejwe uburimyi n’ubworozi bakabwirizwa gukorana nabo bose bipfuza guterera murico .


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Jewe ndashaka uwompa umuco kukuntu noshobora kugura inka nziza ya kijambere aho noyikura kuko uwuyifise ntayikura.Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.