IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Miss Ange Bernice INGABIRE yasohoye ururirimbo rwo gushigikira abagendana (...)

Miss Ange Bernice INGABIRE yasohoye ururirimbo rwo gushigikira abagendana ubumuga

lundi 11 décembre 2017

Miss Ange Bernice amenyesha ko abagendana ubumuga batitaweho cane, badahabwa ikibanza gikwiye, ari naco catumye afata ingingo yo gukora urwo ruririmbo, mu ntumbero yo gushikana kure ingorane z’abagendana ubumuga.

Avuga ati « Igenekerezo rya 3 kigarama, twama duhimbaza umunsi wahariwe abagendana ubumuga, ariko nta bikogwa bigaragara bikorerwa abo bagendana ubumuga. Ntibitaweho nk’uko vyategerezwa. Nifuza ko ururirimbo Tubashigikire rwoshika kure.Nshaka kwerekana ko abagendana ubumuga nabo bashoboye, bakwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu gihugu. »

Miss Ange Bernice akaba yifadikanije n’abaririmvyi rurangiranwa basanzwe bakunzwe cane nka Sat-b, Vichou Peace and Love, Vestine aheruka gutwara Isanganiro Award, Lina Blanche, Double Jay, Bashir Dia, Prince Mshindi, Big Zoé na Choral Saint Ignace de Loyola.

Urwo ruririmbo rukaba rukozwe mu ntumbero yo kubandanya umugambi Miss Ange Bernice yari yatorewe muri 2016, wo gufata mu mugongo abagendana ubumuga.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.