IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Abaca igiti “Osyris lanceolata” kivamwo parfums bidaciye mu mategeko (...)

Abaca igiti “Osyris lanceolata” kivamwo parfums bidaciye mu mategeko bagabishijwe

mercredi 15 Nzero 2014

Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bwayo buraba ibidukikije yagabishije abaca igiti citwa “Osyris lanceolata” batabirekuriwe n’amategeko. Osyris lanceolata n’igiti kimota, cama kandi kigakurira ahantu hari ibibuye mu mashamba yumye, ku mugabane wa Afrika, bagikuramwo amavuta.

Ubwoko bw’ico giti babusanga ahanini mu bihugu biri muri Afrika y’Ubuseruko na cane cane Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda. Na hano mu Burundi igiti Osyris lanceolata kikaba kihama. Ico giti Osyris lanceolata, bakimenyera ku bunini bwaco, ku mababi yaco akomeye, gifise imetero zirihagati ya zibiri na zitandatu. Amabababi yaco afise uburerbure bwa mirimetero ziri hagati ya 13 na 50, akagira amabara ari hagati y’ubururu n’urwatsi rutoto, ameze nk’ayanyerera akaba kandi asongoye ku mpera yayo.

Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w'ibidukikije

Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kabiri wa 14 Nzero 2014, ubushikiranganji buraba ibidukikije bwamenyesheje ko bugabishije abaca igiti bise “Osyris lanceolata” bitarekuwe n’amategeko. Umushikiranganji w’ibidukikije Jean-Claude Nduwayo akavuga ko iyo ngingo yafashwe inyuma yaho bigaragariye ko ico giti Osyris lanceolata gisa nikiriko kirazimangana hano mu Burundi, kandi ari n’igiti kitama ahariho hose.

Yasavye ko inzego zo mu Burundi, nk’ikigo kigiraba ivyinjira n’ibisohoka mu gihugu (douane), ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi (OBR), igiporisi kiraba umutekano w’abantu n’inzego zikorera mu gace ka Bugesera, aho igiti Osyris lanceolata kiri, kugira bafashanye kugikingira, bongere bahane n’abagica bitarekuwe n’amategeko.

Umushikiranganji Jean Claude Nduwayo yibutsa kandi ko ibihano biteguwe kuri abo bose bazofatwa bariko barahonya ubwoko bw’ico giti. Yahamagariye abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo na Muyinga gukingira no gufata neza igiti Osyris lanceolata, mu kurindira ko hashingwa uburyo bwo kukirwiza ntigihone.

Mwomenya ko igiti Osyris lanceolata, ari igiti kimota cane, gikundwa n’abatari bake kuko gisanzwe kinavura indwara zimwe zimwe, kikanavamwo n’ivyo bakoresha (matiere premiere) mu gukora bimwe bisiga bimotesha benshi bita “parfums”.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.