IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Karate > Abakinyi ba Tae Kwondo batahukanye imidari n’igikombe

Abakinyi ba Tae Kwondo batahukanye imidari n’igikombe

mardi 1er Ndamukiza 2014

Abakinyi b’urukino rwa Tae Kwondo baraye batahutse bava mu gihugu c’Ubuganda aho bari bitavye amahiganwa y’imirwi yavuye muri kano karere. Imidari itanu y’inzahabu n’igikombe nivyo batahukanye mu Burundi.

Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante, abakinyi 7 b’urukino rwa Tae Kwondo bitavye inkino mu gihugu c’Ubuganda. Inkino zahuza imirwi 10 ivuye mu bihugu vya Kenya, Sudani y’epfo, Uburundi n’Ubuganda ari nabwo bwakiriye izo nkino.

Imidari y’inzahabu 5 n’igikombe nivyo umurwi w’Uburundi watahukanye. Amakuru twahawe na mugenzi wacu wo ku kinyamakuru IWACU amenyesha ko iyo ntsinzi itizanye, kuko barayiharaniye. Intambamyi ya mbere n’uko Uburundi bwari bwaserukiwe n’abakinyi bake, ivyo rero vyatuma umukinyi umwe yategerezwa kunyinyurana na 5, ikindi n’uko abo bakinyi bataronse umumenyereza ashobora kubaherekeza kugira akwirikirane abahagarikizi yongere abafashe.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza, abakinyi ba Tae Kwondo bazokwitaba inkino zizobera i Mombassa muri Kenya, mu nyuma bazoca baja mu Rwanda hazoba ari kw’igenekerezo rya 01 gushika ku rya 03 Rusama.

Tae Kwondo imaze imyaka 20 ikinwa mu Burundi, yatangujwe na Kagabo Eugène, hari muri komine Ngagara, mu nyuma urwo rukino ruca rurakwiragira mu zindi ntara nka Ngozi, Kayanza na Gitega.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.