IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Carama : Bamwe mu bategetsi bagirijwe kwubaka mu kibanza cagenewe (...)

Carama : Bamwe mu bategetsi bagirijwe kwubaka mu kibanza cagenewe inzira

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Bamwe mu banyagihugu bo mu Carama baragiriza igisata kijejwe gutunganya ibisagara ko gitanga bimwe mu bibanza, biba vyabikiwe inzira zo gucamwo, ivyo navyo bikubakwamwo amazu.

Mu Carama ya mbere, abanyagihugu bavuga ko ahari hagenewe kuzoca ibarabara, ariho hagarutse hahabwa abantu babiri, ndetse baja bari banatanguye kuhubaka. Impari rero zikaba zaciye zivyuka, aho abanyagihugu bari basanzwe baba aho hantu, barahiye ko abo bashasha batohubaka, kandi ari ikibanza cagenewe ibarabara. Ivyo bibanza bikaba vyari vyahawe abagabo babiri, umwe akora mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara, hamwe n’uwundi bivugwa ko yoba akora mu bushikiranganji bw’ibidukikije.

Ivyo rero vy’ugutanga bimwe mu bibanza vya Reta, canke gutanga ibibanza bitagiramwo umuco ukwiriye aho mu Carama, bikaba biri mu bihungabanya umutekano, nk’uko vyaheruka gushikirizwa na Isidore Nyandwi, asanzwe arongoye ikirindiro co mu Kinama. Mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara baremeza ko ivy’ico kibanza babizi. Amisi Ntangibingura asanzwe arongoye igisata kijejwe gutunganya ibisagara, akaba adahakana ko ico kibazo akizi, abahawe kwubaka muri ico kibanza nabo, bavuga ko bagihawe hakurikije amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.