IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Ibidukikije birabangamiwe mu ntara ya Bururi

Ibidukikije birabangamiwe mu ntara ya Bururi

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Buramatari w’intara ya Buriri umupfasoni Gloriose Nimenya, asabwa gukora ibishoboka, ndetse no gutanga itegeko ryotuma ibitara vya Rumonge-Vyanda na Kigwena bikingirwa nk’uko bishikirizwa na Mamert Sabushimike, umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije.

Mamert Sabushimike, asaba ko buramatari atanga itegeko ku bayobozi b’intwaro kuva ku mitumba kugira bafashe abakozi ba INECN basanzwe bari mu bakingira ibidukikije. Ayo mashamba akaba ubu yoba abangamiwe n’abantu bayonona, mu gihe hari n’abandi boba bayagishamwo kandi bitemewe n’amategeko, n’ibindi bikorwa bihonya ibiti.

Umuyobozi w’abakunzi b’ibidukikije rero kuva aho aterewe mu mvuto ku wa 18 Nzero uyu mwaka mu nyuma akarekurwa, ibintu vyaciye biyangara muri ayo mashamba, mu gihe bamwe mu banyagihugu boba baciye bijajara, mu guturira amakara, abandi bagatangura kubaza imbaho ziva mu biti. Uwo rero asanzwe ari umuyobozi w’abagenzi b’ibidukikije, akavuga ko muri ayo mashamba, akotsi ariko gufumba k’abaca amakara, hamwe n’imirwi y’ababaza imbaho.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.