IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itorwa ry’abaja guserukira Uburundi rirateye umutima uhagaze (...)

Itorwa ry’abaja guserukira Uburundi rirateye umutima uhagaze abakenguzamateka

mardi 10 Kigarama 2013

Amazina abiri y’abagiye guserukira Uburundi mu makungu, yemejwe n’inama nkenguzamateka, inyuma y’aho umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annociate Sendazirasa ashikiririje imyidondoro yayo mazina yarungitswe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abo bagiye guserukira Uburundi mu makungu akaba ari Deo Sindayihebura, umututsi ava mu ntara ya Bururi, akaba afise urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’icongereza, eka kandi akaba yarize ibijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu. Yarabaye umuhanuzi wa mbere mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya, ubu akaba yari asanzwe ari umuhanuzi mu biro vy’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu. Yemejwe n’abakenguzamateka 35 kuri 37.

Uwundi yemejwe akaba ari umupfasoni Justine Nisubure. Uyo mupfasoni yatowe ku majwi 35 kuri 37, yize mu gisata ca ISCO, akaba ari umuhutukazi ava muri komine ya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura. Muri iki gihe, Justine Nisubire n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka, eka kandi akaba ari icegera c’umukuru wa SINELAC.

Naho ayo mazina yemejwe, abakenguzamateka babajije ibibazo bakaba basavye ko boshikirizwa mu minsi ya vuba urutonde rw’abari guserukira Uburundi mu makungu, hamwe n’imyidondoro yabo, kuko bimaze kugaragara ko hari intara zimwe zimwe zitagira abantu baja guserukira Uburundi mu makungu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.