IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Kumenya indimi nyinshi kimwe mu bifasha Fortran B gutanga ubutumwa

Kumenya indimi nyinshi kimwe mu bifasha Fortran B gutanga ubutumwa

vendredi 22 Munyonyo 2013

Mu giteramo yahoramwo mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yarahakuye ibitari bike kandi yarashoboye kuryohera abitavye ibiteramo vyiwe. Aho hari mu magenekerezo ya 10 Munyonyo 2013.

Nk’uko akunze kubigira kenshi iyo agiye mu bindi bihugu, Fortran aragerageza uburyo bwose amenya ibishoboka vyose ku rurimi kavukire rukoreshwa aho hantu. Ivyo rero yarabigize naho muri ico gihugu. Yarashoboye kuririmbana n’umuririmvyi w’igihangange mu ndirimbo mpimbazamana yitwa Frank Mulaja. Uwo wanyuma azwi mu murwi (Ministere) ”echo d’adoration” waho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo iyo ndirimbo “Mon espoir” iri mu rurimi rwa Lingala n’igifaransa. Muri yo harumvikana cane amajwi yiwe mw’i Lingala.

Ico cabaye ikintu gikomeye cane mu buzima bwa Fortrand Bigirimana, kandi kiri no mw’ihangiro yihaye ryo kumenya indimi nyinshi. Kuzimenya izo ndimi rero, Fortrand Bigirimana avuga ko bimufasha gutanga ubutumwa bw’ijambo ry’Imana aho ageze hose maze abantu bakumva ico Imana yamutumye kuvuga kw’isi. Ku bw’ivyo ariko yitegurira guheza urukwirikirane rw’indirimbo ziri mu gifaransa. Zimwe zimwe zo mu Kirundi ariko arazishira no mu gifaransa ni nka”ntaco nzoba”. Hari n’iyindi ariko akorana n’uwo bazokwubakana irimwo n’igifaransa.

Inyuma y’ivyo ibiteramo yamazemwo iminsi, abaririmba indirimbo mpimbazamana bo mu Burundi bariko bategura indwi izoharirwa umuririmvyi. Muri iyo ndwi, abo baririmvyi bazoca mu masengero atandukanye yo gisagara ca Bujumbura, bazotora indirimbo za mbere za koze ku bantu kuva mu mwaka w’1990. Izo ndirimbo bazoheza bazishire hamwe mw’i “CD” bazoza baratanga. Ivyo vyavuye mu ciyumviro ca Apotre Sosthene Serukiza, n’abandi nka Appolinaire na David bazwi cane mu batanguye indirimbo mpimbazamana.

Mumpera z’iyi ndwi hazotorwa umuririmvyi wa mbere kandi azohabwa agashimwe. Aho ni kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika 01 Kigarama 2013. Ivyo vyatumye abangira mu rugendo yogize I Dakar mu gihugu Senegal.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo azoba ari gushigikira umunyarwandakazi Gaby, mu giteramo kizobera muri Christian Life Ministries yahoze yitwa Odeon Palace kizotangura isaha 12h00 z’umugoroba.


Cherif NKeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.