IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubufaransa bwasavye ko agateka ka Petero Karaveri Mbonimpa kubahirizwa

Ubufaransa bwasavye ko agateka ka Petero Karaveri Mbonimpa kubahirizwa

jeudi 4 Nyakanga 2014

Igihugu c’ubufaransa cerekanye amakenga gifise ku magara ya Petero Karaveri Mbonimpa abandanya gusinzikara mu bitaro BUMEREC aho agira akwize indwi ariyo arwariye. Ubufaransa bugasaba ko yohabwa uburenganzira arekurirwa n’amategeko y’igihugu na mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono.

JPEG - 63.2 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, ku buriri bw’ibitaro BUMEREC

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, bamenyesha ko barajwe ishinga n’amagara ya Petero Karaveri Mbonimpa atifashe neza mu bitaro amazemwo iminsi indwi kuva kuwa gatanu w’indwi iheze.
Ubufaransa bumenyesha ko bwipfuza ko Petero Karaveri Mbonimpa, uwo aharanira agateka ka zina muntu apfunzwe, yohabwa uburenganzira bwose arekurirwa n’amategeko y’Uburundi na mpuzamakungu igihugu c’Uburundi cateyeko umukono.
Igihugu c’Ubufaransa cibutsa ko gisanzwe giharanira uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro kw’isi yose, kikibutsa kandi ko gikurikiranira hafi iyubahirizwa ry’amategeko mu manza zicibwa.

JPEG - 47.7 ko
Laurent Fabius, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu

Tubibutse ko umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa, kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Myandagaro 2014, yaraye mu bitaro BUMEREC biri mu gisagara ca Bujumbura. Yakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuko yari akitswe n’amagara kubera ingwara y’igisukari (Diabète) asanzwe arwaye haraheze imyaka ine. Imbere y’uko ajanwa mu bitaro BUMEREC, abamuburanira bagumye basaba ko yorekurwa vy’agateganyo, akaburana yidegemvya, kuko akitswe n’amagara, kandi akaba arenza imyaka 60. Abo baburanira Petero Karaveri Mbonimpa bagumye bibutsa itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobandora yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabète) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane.

N’aho abo bashingwamanza bagumye berekana ko Mbonimpa akitswe n’amagara, bakamusabira umwidegemvyo w’agateganyo mu kwerekana iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane ryotuma Petero Karaveri Mbonimpa arekurwa sentare yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo. Petero Karaveri Mbonimpa kuri uwu wa kane akwije iminsi 114 ari mu mvuto, akaba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • Muvyukuri ukuntu iyi leta yaba dd yigenza sinibaza ko bafise ubwenge burya Imana yaremany’umuntu ikamutandukanya n’ibikoko. Uyo mutama hamwe yogiricabantibajaho ngo n’ibihangange vyaba generaux iherezo bazobibazwa. "Cocote kina mwanzo hakikose mwisho" rero ntangoma idahangura.

  • Huh, mbe mutandika neza uko ubu France bwavuze? Mwibazako abantu bantu basoma amakuru kwiyi site gusa? Ariko manyina amafuti Iwacu canditse ku munyepolitique wumu Germany ntiyaraye igaragaye. Jewe nubu sindamenya ico mwebwe a BA journalists mushaka.

  • Mwanditsiwe, niyaba Atari gutekenika inkuru, subirayo ahowakuye iyonkuru usomeneza canke wumvirize neza urazagusanga ivyowanditse wihenze, mbere uravyenabi nabuvuga ngonibobavuze ivyowanditse bokwiyamiriza NCN kuzirabakebura kugiramugabanye iryo techenika ryabamwe mubanditsi nabamenyeshamakuru.

  • @wa mukecuru mama na mugezawe muragenda mwugurure ikinyamakuru ncanyu?mwebwe muzi gukora neza muzi gutohoza? zeze

  • ABARUNDI TURAKWIYE KWIBAZA IVYO ABA FRANCAIS BAKOZE MURI LIBYA GUSHIKA UBU HAKABA HARANGWA AMARIRA N’AMAGANYA MU BONSE RIMWE.MBEGA AHO BAVUGA NGO AGATEKA KA MBONIMPA KUBAHIRIZWE,HAMWE UMURYANGO WABANY’AFRIKA WOBABAZA AGATEKA KA KADAFI TWOSANGA ABAFARANSA BARAKUBAHIRIJE KOKO.CANKE BASHAKA KUDUTERAMWO UMUGERA W’INDYANE NK’UWO BAGIZE MURI IRAK,LIBY,EGYPT?MBEGA ABAFARANSA IVYO BAGIZE MURI IVYO BIHUGU NIVYO BASHAKA KUGIRA NO MU BURUNDI? ABARUNDI MWIKEBUKE KUKO ABO BAGESERA BATUBESHA NGO BARIKO BARATWIGISHA IVY’AGATEKA KA ZINA MUNTU BAKABA ARI NABO BATUMARIRAKO ABACU.MBEGA UWOBABAZA ICO BAHOYE KADAFI,SADAM...NONE IZI NGORANE ZIRI MURIVYO BIHUGU NIKO GAKIZA BATURONDEREYE? NOSABAKO ABANY’AFRIKA TWOKWIKEBUKA NTITUBE IBIKORESHO VYABASHAKA KUTURYANISHA

  • Abarindinsiabana.ntibazama baterwa igitsure namakungu kandi ntawokwitwaza ubusaza canke ingwara muguhungabanya umutekano wibihugu .ubucamanzA bwuburundi butegrezwa kwigenga ariko bwiteho ineza ya bose batitaye kugitsure canke igitsure cabihungu bikomeye canke basesa nkuyoze.

  • Abarindinsiabana.ntibazama baterwa igitsure namakungu kandi ntawokwitwaza ubusaza canke ingwara muguhungabanya umutekano wibihugu .ubucamanzA bwuburundi butegrezwa kwigenga ariko bwiteho ineza ya bose batitaye kugitsure canke igitsure cabihungu bikomeye canke basesa nkuyoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.