IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Urukurikirane “Super Naturel” rwa Goodman rugiye gusohoka

Urukurikirane “Super Naturel” rwa Goodman rugiye gusohoka

mardi 8 Gitugutu 2013

Goodman, umuririmvyi yamuka muri Nigéria ariko aba mu Burundi muri kino gihe agiye gusohora urukurikirane rwitwa “Super Naturel”. Urwo rukurikirane rukaba rugizwe n’indirimbo zo gutazira no kuninahaza Imana zitandatu.

JPEG - 59.3 ko
Goodman

Goodman ni umuririmvyi aririmba indirimbo zo kuninahaza no gutazira Imana. Akoka muri Nigéria ariko ubu akaba aba mu Burundi kuko umutambukanyi wiwe ariwe aserukira igihugu ca Nigéria mu Burundi. Uwo muririmvyi akaba ariko arategura amasanamu y’urukurikirane rwiwe rwitwa “Super Naturel”.

Igikorwa ca mbere co gukora indirimbo zishobora kwumvikana kiramaze gukorwa. Ubu ibikorwa bikaba biteye ku kugora amasanamu y’izo ndirimbo. Inzu ihinyanyura amasanamu y’umuziki High Video ikaba ariyo iriko irakora amasanamu y’indirimbo 6 zizoba zigize urwo rukurikirane “Super Naturel”.

Fleury Pro, umuhinyanyuzi w’izi ndirimbo avugako yazishimye kuko ziri mu midiho myiza. Vyongeye, nkuko Fleury Pro abandanya abivuga, ubutumwa buri muri zo bufise “akanovera” . Ku bwiwe, akavuga ko ataco atazokora kugira amasanamu y’urwo rukurikirane azobe asesutse cane. igishasha kizoboneka muri izo ndirimbo, nuko hazoba harimwo abarundikazi bariko batamba intambo zo muri Nigéria.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.