IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Jadot Nkurunziza : Ibiti imiriyoni 52 nivyo bimaze guterwa mu gihugu (...)

Jadot Nkurunziza : Ibiti imiriyoni 52 nivyo bimaze guterwa mu gihugu cose

mardi 9 Kigarama 2014

Urwaruka ruri mw’ishirahamwe "Abagenzi b’Iterambere" bariko bashira mu ngiro umugambi wo kwambika ibiti imisozi yose hamwe n’ibisagara vy’Uburundi. Intumbero ni gukingira ibidukikije, ugushariza ibisagara, gutera ivyama hamwe n’ugutegurira ikirere ciza kazoza k’Uburundi.

Jadot ari mu matuta y'ibiti ku nkengera y'uruzi ntahangwa

Jadot Nkurunziza umwe mu rwaruka rwitanga mu gukingira ibidukikije, avuga ko umugambi wo gutera ibiti yawutanguye kuva kera. Akwiragiza ibiti bifata isi mu gukinga inkukura, ibiti vyo gushariza ibisagara akoresheje amashurwe, ibiti bitanga agatutu ku mabarabara, hamwe n’ibiti vy’ivyamwa. Aramaze gutera ibiti vyo gushigikira inkombe z’inzuzi Ntahangwa, Muha, na Kanyosha. Ibiti vy’ivyamwa biramaze guterwa mu mashuri no mu ma kambi ya gisirikare.

Jadot Nkurunziza avuga ko aharuye ibiti bimaze gusohoka biva mu matuta yiwe, vyaba ibitwarwa n’ayandi mashirahamwe canke abantu baja kubitera iwabo, yemeza ko amaze gutanga no gutera ibiti vy’ubwoko butandukanye bingana imiriyoni 52. Avuga ko abikora kubera umutima wo gukunda igihugu no gukingira ibidukikije. Bimwe muri ivyo vyatewe ku misozi ya Sororezo na Rubona ihanamiye igisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo kurwanya inkura. Ibindi vyatewe ku misozi ya Banga, Mujinya na Zege yo mu ntara za Muramvya, Kayanza na Gitega. Muri uwo mugambi w’urwo rwaruka, imisozi yo mu ntara 16 kuri 17 zigize Uburundi iramaze guterwako ibiti.

Mu ntumbero yo gushariza igisagara, Jadot Nkurunziza amenyesha ko ariko akora umugambi wo gutera amashurwe hagati mu gisagara ca Bujumbura. Ayo mashurwe azoterwa mu bibanza bihuriramwo abantu kenshi. Aho bukera kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, ishirahamwe "Abagenzi b’Iterambere" bazinduka baraheraheza gutera ibiti mu kibanza kiri aho bita kuri "Kiosque ya Brarudi" hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Jadot Nkurunziza akora yitanga, arangiza asaba urwaruka gukura amaboko mu mpuzu mu kurondera ico bakora cobagirira akamaro kandi coteza imbere Uburundi kugira abana bazovuka ntibazoshikire mu gihugu c’iyarara.

Jadot ari mu matuta y'ibiti ku nkengera y'uruzi ntahangwa
JPEG - 170.6 ko
Jadot ari mu matuta y’ibiti ku nkengera y’uruzi ntahangwa

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.