IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Imigani > Wifasha gusara ntiwifasha gusaba

Wifasha gusara ntiwifasha gusaba

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Uyu ni umwe mu migani y’ikirundi yigisha abantu gufashanya no gukorera hamwe. Mu migenzo y’ikirundi, gufashanya vyamye bifise ikibanza kinini mu buzima bw ‘abarundi.
Ni naho batanguye kuza baraca imigani kugirango bashobore guhanura abandi.

Iyo migani ikaba yarafashije abatari bake kandi n’ubu iracakoreshwa cane mu guhanura. Abo twavuganye baremeza ko yabafashije cane mu buzima bwabo.

Bamwe bakaba basaba abavyeyi ko boza baraca iyo migani kugirango abana babo bayimenye nabo bazoyicire abo bazovyara. Ivyo rero bakaba babisaba mu ntumbero yo gukingira imigani y’ikirundi ngo ntizozimangane.

Iyindi migani ifise insiguro zimwe n’uwo twashoboye kuronka akaba ari :

-Tubiri tuvurana ubupfu

-Ubugirigiri bugira babiri

-Ibigiye inama bigira Imana

-Umutwe umwe ntiwigira inama

Uwoba azi iyindi migani ijanye n’iyi arashobora kubishikiriza mu vyiyunviro tukayisangira n’abandi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.