Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe (...)
Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe urubanza
mercredi 29 Ntwarante 2017, par
Sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yaciriye urubanza abantu batanu bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura umukuru w’igisirikare c’Uburundi, Lieutenant-Général Prime NIYONGABO mu kwezi kwa Nyakanga 2015.
Muri abo batanu baciriwe urubanza, abasirikare batatu (Jean Marie Vianney Nzoyihera, Elvis Nkunzimana hamwe na Pascal Tombori) bahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.
Babiri basigaye (Pancrace Ntamatungiro na Léonard Nizigiyimana) ni abanyagihugu bagirijwe ko bafashije muri uwo mugambi w’ugushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO, ubutungane bukaba bwabagirije ko batanze ahabereye amanama y’ugushira mu ngiro uwo mugambi. Bompi bahawe igihano c’ugupfungwa imyaka cumi.
- Lieutenant-Général Prime NIYONGABO
Lieutenant-Général Prime NIYONGABO yategerewe n’abantu bitwaje inkoho ariko aja ku kazi mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015. Yararokotse muri ico gitero, ariko hakaba hari bamwe mu bamucungerera ubuzima bahaguye.

IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2017, 19:17, par NDUWAYO
NIBABACIRE URUBAKWIYE KUKO INKOZI ZIBIBI ZIKWIYE GUHANWA
30 Ntwarante 2017, 14:41, par Gilbert
Nibaze Barahasha Izontovyi Zumutekano Pirimenawe Ahagararirarire Igihugu Nkuko Yahagaze Neza Bashatse Kugira Kudeta Turamushigikiye
30 Ntwarante 2017, 18:48, par Wakera
Abo bazorekurwa umusi ubutungane butazoba bukiri mukwaha bwabo basuma! Mbe ko badacira urubanza Prime yirirwa aragandagura aba Ex-Fab ! God damn him
31 Ntwarante 2017, 20:37, par CISSOK@
KOMERA KUMUHETO.KOSORE IZONTUMVA KUKO NABAVYEYI BARITA ABANA :NIKOBAMYE NTIKARAHERA BARAGUNZWA...
1er Ndamukiza 2017, 20:46, par pascal
yooo,bar baduhekuy pe!ark imana iracamuzigamy.
2 Ndamukiza 2017, 12:21, par Mob
@wakera. Uwoguha amazirantoki ashushe ntiwokongera kubwejagura...
2 Ndamukiza 2017, 21:07, par B J B
Nabo Banyagihugu Baribakwiye Gupfa Kuko Nibo Babaye Bakuru Mugutanga Ahapangigwa Mition Yokugandagura Intwazangabo Zacu.
6 Rusama 2017, 20:47, par Habonimana Jean De Dieu
Prim Turamushigikiy Nakomere Kwibanga Arem Kuko Umwasi Agucira Icobo Imana Ikagucira Icanzo