Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe y’Abakenyezi yagiye hamwe agira urunani
Amashirahamwe y’Abakenyezi yagiye hamwe agira urunani
mardi 5 Nyakanga 2017, par
Jeannne MPFAYOGUHORA, umuhuzabikorwa w’urwo runani rw’abakenyezi amenyesha ko nk’abarundikazi bari basanzwe bafise uruhara rukomeye mu gukomeza amahoro mu Burundi, ikintu nyamukuru catumye baja hamwe, ari uko basanzwe ari benshi, bakaba bagiye hamwe kugira biyumvira icotuma ishusho y’abakenyezi ihinduka mu gihugu, ibibazo vy’ukuntu babayeho bitorerwe inyishu.

"Vyarashika amashirahamwe akaba ari menshi akora ibikorwa bimwe, ariko inguvu zabo zigasanzara. Dukeneye ko umukenyezi yotera imbere, akagira uruhara rukomeye mu ngingo zifatwa mu gihugu. Niho twavuga duti reka tugire umurwi, ko dusangiye ibibazo tuje hamwe, tuje mu bakenyezi bato bato batubwire iryo bagona, hanyuma tubishire hamwe turondere imigambi ijanye n’ivyiyumviro twakuye muri abo bakenyezi turiko turaronderera ineza.", uko niko Jeanne MPFAYOGUHORA asigura, akavuga ko muri urwo runani bipfuza guserukirwa mu biganiro bihuza Abarundi bibera hanze y’Uburundi.
"Turakeneye gutumirwa nk’umurwi w’abakenyezi baserukira abandi, kugira turonke ingene dushikiriza abakenyezi ivyo twashitseko. Turavye ingene vyagenda ubwa mbere umwe wese yagenda ku giti ciwe, akagenda aserukiye umugambwe. Ntivyari vyiza kuko tutari dufise ijambo twumvikanye twese. Ariko tugiye mu murwi ijambo ryoba rimwe haba mu nteguro, haba mu biganiro, hamwe no mu ngingo zose zizopfungikwa."

Mu bushikiranganji bujejwe guteza imbere abakenyezi mu Burundi bavuga ko bashimishwa n’ukwumva ayo mashirahamwe yagiye hamwe kubw’iterambere ry’umukenyezi. Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu hamwe n’ukunganisha ibitsina amenyesha ko ukuja hamwe kw’amashirahamwe kuzofasha Reta y’Uburundi gushira mu ngiro ibisabwa n’abo baserukira abakenyezi.
"Twanezerewe cane kubona turonse abantu bari mu murwi umwe twebwe nka Reta tuzoza turavugana, kugira ibivanye n’uguteza imbere umukenyezi vyorohe. Ni intambwe ikomeye cane twari turindiriye cane mu bushikiranganji."
- Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina


Egide NDUWIMANA
Messages
6 Nyakanga 2017, 09:07, par nephtalie
Turabashigikye mu mugambi mwiza nk’uyo ariko ico maze kubona abakenyezi benshi iyo bamaze guhabwa amabanga akomeye baca bibagira abakenyezi batobato ntibibuka kubateza imbere.Twipfuza rero ko imvugo yojana n’ingiro.Murakoze.