Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amatora yegejwe inyuma na Sentare ya RDC
Amatora yegejwe inyuma na Sentare ya RDC
mardi 18 Gitugutu 2016, par
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri RDC yemeje icipfuzo c’akanama kajejwe gutegura amatora co kwunguruza amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, kugira hakorwe neza urutonde rw’abazoyitaba.
Umukuru w’iyo sentare, Benoit Lwamba Bindu, yavuze ko iyo sentare ibona neza ko hari ingorane zo gutegura amatora ica itegeka “ko amatora yo kwunguruizwa ku mvo zumvikana.”
Yavuze ko ari ngombwa ko ako kanama gategura ikirangamisi gishasha c’amatora y’umukuru w’igihugu yari asanzwe ategekanijwe igenekerezo rya 27 mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Akanama kajejwe gutegura amatora muri Congo kari kituye sentare gasaba kwunguruza ayo matora mu kwezi kw’icenda. Ako kanama kavuga ko amatora ataba gushika mu mpera z’umwaka wa 2018, ivyo bikaba biteye amakenga kuko hashobora kwaduka imidurumbanyo.
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko vyari vyitezwe ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ava ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kabiri uwu mwaka, inyuma yo kurangiza ikiringo ciwe nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa shingiro, inyuma yo kurongora ico gihugu ibiringo bibiri yikurikiranya.
Abatavuga rumwe na Reta bavuga ko Kabila ashaka kuguma ku butegetsi mu gutevya ko amatora aba.
Sentare nkuru yo muri ico gihugu yavuze ko prezida Kabila ashobora kuguma ku butegetsi gushika hatowe uwundi mukuru w’igihugu mushasha.
Abantu benshi barishwe mu gisagara ca Kinshasa mu kwezi kw’icenda inyuma y’aho abajejwe umutekano bataniye mu mitwe n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abari mu myiyerekano yo kurwanya Reta.
Ku musi wa mbere kandi, umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abandi bari kumwe mu biganiro barumvikanye ko amatora y’umukuru w’igihugu, ayo abashingamateka n’abakuru b’intara, ategerezwa kuba mu kwezi kwa kane mu 2018, umwumvikano ushobora kwiyamirizwa n’abandi batavuga rumwe na reta, batitavye ivyo biganiro.
Imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta vyahamagariye Onu hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira uruhara mu gutegura ibiganiro birimwo bose kugira bavugane ivyerekeye amatora, ikaba yaranateguye imyiyerekano itariki 19 ukwezi kw’icumi mu gihe ata ntambwe yoba irashikwako.
Iyo migambwe kandi ishaka ko abagize akanama kajejwe gutegura amatora, hamwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bahondurwa, kuko bashigikiye Kabila.
Kuva igihugu ca Congo cikukiye mu 1960, nta mukuru w’igihugu arabisanya n’uwundi biciye mu matora ya demokrasi.
IGIHE