Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Bujumbura : Amashirahamwe 23 y’urwaruka yarateye ibiti birenga 6000 i (...)
Bujumbura : Amashirahamwe 23 y’urwaruka yarateye ibiti birenga 6000 i Sororezo
lundi 12 février 2018
Mu gatondo ko kuwa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2018, imisore n’inkumi bari mu mashirahamwe 23 akora imirimo itandukanye yari yakoranye mu gikorwa bise « Twese hamwe dusharize igihugu cacu », baramutse batera ibiti mu gace ka Sororezo.
Jadot NKURUNZIZA yari arongoye ivyo bikorwa akaba atwara ishirahamwe « ҫa nous concerne tous » yamenyesheje ko, intumbero yari iyo kuja hamwe, mu butandukane bwabo, bagakorera hamwe ari urwaruka rwinshi kugira baterere mu guteza imbere igihugu babicishije mu gukingira ibidukikije.
- Jadot NKURUNZIZA, arongoye ishirahamwe ’’ Ça nous concerne tous’’
Jadot NKURUNZIZA avuga ati.« Urwaruka ni kazoza k’igihugu, nitwe dukwiye kucubaka kugira tuzokirage abana bacu, abuzukuru bacu bazobe mu gihugu ciza, kizira ingorane. »
Avuga kandi ko kubona bakoze ico gikorwa bari mu mashirahamwe atandukanye y’urwaruka vyabafashije guhanahana ivyiyumviro, bakamenyana, gutyo bakunga imigambi yo gutezanya imbere bivanye n’ibisata bitandukanye bakoreramwo.
Jadot NKURUNZIZA avuga ko bagiye kubandanya bakora ibindi bikorwa bitandukanye, agahamagarira n’urundi rwaruka kwijukira ibikorwa biteza imbere igihugu.

BUKURU Pacifique