Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB :Ihiganwa mu cicaro ca mbere rirabandanya ku munsi wa kabiri
FFB :Ihiganwa mu cicaro ca mbere rirabandanya ku munsi wa kabiri
mercredi 20 Nyakanga 2017
Urukino ruhuza umurwi Musongati FC na Aigle Noir CS rubera ku kibuga c’i Gitega isaha icenda z’umuhingamo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2017. Iyo mirwi yahejeje ihiganwa ry’umwaka uheze umwe uri mu kibanza ca 4 uwundi uri mu kibanza ca gatanu.
Izindi nkino zitegekanijwe igihe c’isaha icenda ni urukino ruhuza umurwi Flambeau de l’Est wo mu ntara ya Ruyigi n’umurwi Athletico Olympic wo mu gisagara ca Bujumbura, iyo nayo igakinira ku kibuga co mu ntara ya Ruyigi.
Ku kibuga UMUCO c’intara ya Muyinga, umurwi Olympic Star uzoserukira Uburundi mu nkino za CAF, utana mu mitwe n’umurwi uheruka kuduga mu cicaro ca mbere Delta Star wo mu Gatumba.
Urukino rwa nyuma rutegekanijwe ni urukino ruhuza umurwi Vitalo FC na Bujumbura City FC rubera ku kibuga IVYIZIGIRO co mu ntara ya Rumonge.
MUGISHA Van Naris