Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha (...)
Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru
jeudi 19 avril 2018
Umushikiranganji Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko biyumviriye guhinyanyura itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, kugira bashiremwo ingingo zihuye n’ibihe, kandi bashiremwo ingingo zigenga ibindi bisata bishasha biri mu gisata co kumenyesha amakuru.
Nestor BANKUMUKUNZI yasiguye kandi ko iryo tegeko ryahinyanyuwe kugira haboneke umuco ku bijanye n’itangwa ry’ikarata y’umumenyeshamakuru n’abakinyi b’amareresi, ibusabwa kugira umuntu aronke iyo karata, hamwe n’ikigo kijejwe gutanga iyo karata.
Abashingamateka berekanye amakenga ku ngingo zimwe zimwe, nk’iyijanye n’uko uwuzokora umwuga wo kumenyesha amakuru ategerezwa kuba afise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru, ibishobora gutuma abamenyeshamakuru babikora badafise izo mpapuro z’umutsindo batakaza akazi.

Umushikiranganji yahumurije abashingamateka, abamenyesha ko ata ntumbero yo gukura mu kazi abamenyeshamakuru, ariko ko nabo bokwiga baciye ku buhinga ngurukanabumenyi.
Bamaze kurica hirya no hino, abashingamateka 105 bose bari bitavye ibikorwa vy’ianama nshingamateka bemeje iyo nteguro y’itegeko.
MUGISHA Van Naris