Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Urunani NASA rwitwariye bamwe mu barongozi b’umugwi w’igihugu utegura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Urunani NASA rwitwariye bamwe mu barongozi b’umugwi w’igihugu utegura (...)

Kenya : Urunani NASA rwitwariye bamwe mu barongozi b’umugwi w’igihugu utegura amatora

samedi 23 Nyakanga 2017

Urunani NASA ruvuga ko sentare ntahinyuzwa yejeje abaserukira umugwi utegegura amatora IEBC kandi amatora yaranzwemwo utunenge tutari duke kandi ko igiporisi c’inyamiramabi gikwiye gushengeza abaserukira IEBC.

Umwe mu bashingamateka bu runani NASA, Mathare MP Anthony Olouch yavuze ko amatora agiye gusubirwamwo kw’igenekerezo rya 26 gitugutu 2017 ,abaserukira IEBC ku rwego rw’igihugu ko batogumizwa mu bibanza barimwo kuko bohava basubira gukora amakosa bakoze mu matora aherutse.

Uyo mushingamateka yamenyesheje ko mu kurindira amatohoza ku makosa yakozwe n’abo barongozi mu matora aheruka ko babitwariye bakwirikije ingingo ya 28 ya sentare y’igihugu.

Mwomenya ko NASA ishikirije ivyo mu gihe iheruka kumenyeshako itazokwitaba amatora abarongozi ba IEBC bakoze amakosa bagumijwe mur’uwo mugwi ,bamwe mu bagiye kwitarirwa na NASA ni uwuserukira IEBC ku rwego rw’igihugu Wafula Chebukati ,Ezra Chiloba, Betty Nyabuto, Immaculate Kassait, James Muhati, , Abdi Guliye, Molu Boya na Marjan Marjan hamwe na Praxedes Tororey Moses Kipkogei aheruka gutanga imihoho mur’uwo murwi.


Vainney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.