Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Nimwironkere ideni ry’ama inite na "AKADENI" ya LUMITEL
Nimwironkere ideni ry’ama inite na "AKADENI" ya LUMITEL
mercredi 28 Ruheshi 2017
Umwanya mwidoze kubera muriko muvugana n’incuti n’abagenzi bikabacikirako uraheze !!!, Lumitel iguma ibatangaza,kuko ubu yabahaye akaryo ko kwironkera ideni ry’ama inite mukoresheje igisata "Akadeni".
Mu kwironkera akadeni muhabwa na Lumitel, andika *800#, hanyuma muhitemwo igiharuro 1.
Tubibutse ko kugira uronke ideni ry’ama inite mu muhora Lumitel, bisabwa ko utegerezwa kuba umaze amezi atatu ukoresha umuhora wa Lumitel, kuba ufise amafaranga y’ama inite ari munsi ya 50 muri terefone ngendanwa yawe, hamwe no kuba kandi wakoresheje amafaranga y’ama inite agera ku majana atanu ku kwezi.

IGIHE