Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abasenyeri bakuye ikirenge mu biganiro vy’amahoro
RDC : Abasenyeri bakuye ikirenge mu biganiro vy’amahoro
mercredi 29 Ntwarante 2017, par
Abungere ba Ekleziya Gatolika bahagaritse igikogwa co kuba abahuza mu biganiro hagati y’imigwi itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Reta ya Congo.
Nk’uko tubikesha BBC, abo basenyeri bavuga ko vyanse ko impande zose zumvikana kw’igenekerezo ry’amatora kandi ko ata kindi kintu bariko barakora muri kino gihe.
lgihe amakuru ko vyose vyahagaze atanguriye gushikira abanyagihugu ku mugwa mukuru wa Kinshasa, umutekano waciye usa n’uwutangura guhungabana.

Ibiganiro imigwi yose yarimwo vyari ivyo kwirinda ko hosubira kwaduka ubundi bwicanyi, inyuma y’ubwahitanye abantu 20 mu kwezi kwa 12 mu myiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila, ikiringo kimurekurira kurongora igihugu kirangiye.
Mu masezerano yahagarariwe n’abungere ba Ekleziya Gatolika, Joseph Kabila yovuye ku butegetsi mu mahoro inyuma y’imyaka 17 amaze arongora igihugu, ariko akemera kutitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2017, 21:25, par DOMITIEN
KABIRA YIHANGANE NKUMUGABO