Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Ubwato burimwo abantu 45 bwibiye mu kiyaga Albert
Uganda : Ubwato burimwo abantu 45 bwibiye mu kiyaga Albert
mardi 27 Kigarama 2016, par
Abantu 30 bari mu bwato batwawe mu kiyaga Albert, ubwo bwato bukaba bwari bwuzuye abantu bagera kuri 45 bwari butwaye. Igipolisi kivuga ko bwibiye mu mazi bitewe n’uko abantu benshi bagiye ku ruhande rumwe.
Ibiziga icenda vy’abo bantu vyatowe, abagera kuri 15 barashobora kurokogwa, nk’uko amakuru dukesha BBC abivuga.
Uwurongoye igiporisi, John Rutagira, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko benshi muri abo bantu basa n’abasomye bararenza urugero igihe binjira muri ubwo bwato.

Uwo murwi wari uvuye mu ntara ya Busia ugiye mu rukino rwa Noweli ahitwa Buliisa, abawugize bakaba bagenda baririmba bavuza itarumbeti hamwe n’ifirimbi.
Mu kwezi kwa cumi na rimwe, abantu cumi bandi baratwawe mu kiyaga Albert, ku nkengera yo mu buseruko bw’ico gihugu.
IGIHE
Messages
28 Kigarama 2016, 08:39, par morodikayi.
Tunawapa pore wa ganda wote ambaye wa mepoteza family zao.