Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamugariye ku rugamba bakurikiye inyigisho, bahawe impapuro (...)
Abamugariye ku rugamba bakurikiye inyigisho, bahawe impapuro z’umutsindo
vendredi 12 Mukakaro 2013
Fondation Stamm ifatanije n’ishirahamwe rifasha abamugaye Handicap international yaratanze impuro zerekana ko bakurikiye ivyigwa bimwe bita Certificat, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 mukakaro 2013, ku bahoze ku rugamba 34 bagirishijwe.
Mw’ijambo rijanye n’uwo munsi Emile Ndayisenga asanzwe ajejwe gutunganya ibikorwa mu muagmbi, kigo Fondation STAMM, yamenyesheje ko ata n’umwe ayobewe ko igihugu cacu caciye mu ngorane y’intambara aho ibikomere bitarakira neza gushika kuri ino saha. Icipfuzo co gufasha abo bahoze ku rugamba bamugaye mu gushiraho umugambi wo kubigisha imyuga mu kugira bigenge, nico canatumye habaho umugambi.
Ndayisenga yamenyesheje ko abamugariye ku rugamba batowe barakurikirana inyigisho zerekeye ivy’imyuga ivyo babikoze baravye umwe wese ubumuga agezeko. Ku vyerekeye, ukuntu ibintu bitunganijwe, ibisata vyakirikwiranywe ni 9, bimwe vyamara ukwezi ibindi amezi abiri. Ni nko gusudira, ugushona, ubuhinga bwa none bimwe bita informatique mu rurimi mvamahanga, ukworora ibikoko biguruka, gukora amaterefone kurungika ama faranga mu materefone, gufotora hamwe no gukora ibitumbura. Umushingantahe Ndayisenga akaba yibukije abo baronkejwe izo mpapuro z’umutsindo ko bahejeje kuronka urufunguruzo rw’ubundi buzima bwiza Ubumenyi bwose baronkejwe muri izo nyigisho buzobafasha kugira aho bishikanye nabo mu buzima bwabo.
Ku bwa Godefroid Nyawakira yaje aserukira ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’igitsina, yarashimiye aranatera intege iryo shirahamwe Handicap international hamwe n’ikigo fondation stamm kuko atari irya mbere bafasha abatishoboye. Uwo mushingantahe Nyawakira yaciye abamenyesha ko ubushikiranganji yaje aserukira buzokora ibishoboka vyose kugira bufate mu mugongo abatishoboye, ibimuga vy’umwihariko. Yaciye asaba abo bakwirikiranye inyigisho ko bofata neza ibikoresho bahawe ko bobifata neza kugira abashaka bace baja mu mashirahamwe.
Floxella Karire