Accueil > Diaspora > Abarundi baba i Doubai baripfuza kumenya ukuri kw’iyicwa ry’ababikira (...)
Abarundi baba i Doubai baripfuza kumenya ukuri kw’iyicwa ry’ababikira batatu
vendredi 30 Nzero 2015
Abarundi baba i Dubai bamenyesha ko nabo bakurikirana ibiba mu gihugu cabo, mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, n’aho bari kure y’amavukiro yabo.
Ivyo bakaba babishikirije inyuma y’aho ababikira batatu bo muri paruwasi ya Kamenge bagandaguriwe, kugeza n’ubu ukuri kuri ubwo bwicanyi kukaba gusa n’aho kutaraja ahabona.

Ku bwa Eddy Kevin Gahire asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abarundi baba i Doubai, avuga ko iyicwa ry’abo babikira ryababaje cane ndetse baguye mu gahundwe bavyumvise, inyuma yaho bivugiwe ku maradiyo bakanabisoma mu binyamakuru bitandukanye. Avuga ko ukuri kwoja ahabona, nayo umumenyeshamakuru Bob Rugurika arongoye iradiyo y’abanyagihugu RPA akarekurwa, n’imiburiburi akaza aritaba ava i muhira. Agira ati:’’ Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru rirababaje iyo yapfunzwe azira umwuga wiwe wo ku tumenyesha amakuru’’.
Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE.bi, Eddy Kevin Gahire akaba asaba abamenyeshamakuru ko bobanza bagatohoza neza inkuru bagira bashikirize nimba bayifitiye ivyemeza koko, canke ko atari igihuha canke ngo ibe inkuru iturira. Avuga ko harenzwe amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru canke amategeko agenga igihugu, ko kitobuza ko umuntu yumvirizwa, kuko atawuri hejuru y’amategeko. Eka mbere Eddy Kevin Gahire, agasaba ko abavuzwe muri ubwo bwicanyi bose bohamagarwa, bakumvirizwa hakurikijwe amategeko y’igihugu, kugira abarundi n’amakungu bose bamenye ukuri kuri ivyo vyabaye.

Mukamenya ko umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu, yazindutse arumvirizwa muri sentare y’i Muramvya ku vyaha yagirizwa, inyuma y’aho iradiyo arongoye ishikirije amazina y’abantu umunani nka Adolphe nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi, uwo batazira Kazungu, Ayubu, Guillaume Harushimana n’abandi. Muri abo, bamwe boba bari mu batunganije ibikorwa vyo kugandagura abo babikira, abandi nabo bakagandagura bunyamaswa abo batariyanokazi barangurira igikorwa c’Imana muri paruwasi ya Kamenge.
Aristide Nizigire