Accueil > Amakuru > Poritike > Amakoraniro adasanzwe mu mugambwe CNDD FDD
Amakoraniro adasanzwe mu mugambwe CNDD FDD
dimanche 19 Gitugutu 2014
Abagumyabanga b’umugambwe CNDD FDD mu makoraniro adasanzwe yo mu makomine bavukamwo bavuga ko ivyaranguwe basanze bishimishije.
Abagumyabanga bo muri uyo mugambwe uri ku butegetsi kuva mu mwaka w’2005, bakaba barabiye hamwe ivyaranguwe haba mu bikorwa vy’iterambere, mu kwinjiza abanywanyi, ndetse ayandi makuru akavuga ko abo bagumyabanga ba CNDD FDD banarabiye hamwe intambamyi zohava zizobabuza kuronka amajwi menshi muri aya matora ariko arategurwa mu mwaka w’2015, kugira bayitegurire hakiri kare. Muri ayo makoraniro rero akaba yari yitabwe kuva ku mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yari i Mwumba mu ntara ya Ngozi, umukuru w’inama nshingamateka nawe akaba yari i Rango mu ntara ya Kayanza aho asanzwe avuka, eka n’abandi banyacubahiro batandukanye bakaba bari bishikiye iyo bavuka.
Ariko rero ayo makoraniro akaba ashitse mu gihe mu ntara zitandukanye abanyagihugu bagiriza abo batoye ko baheruka kubabona mu matora yo mu mwaka w’2 010, bakavuga ko amatora yegereje buca basubira kuduga kubaronderako amajwi. Intonde zugaye rero zituma bamwe batorwa kandi ataco bamarira abanyagihugu, bakavuga ko zokurwaho, umwe wese akitoza ku giti ciwe, kugira abanyagihugu baze bitorere abo bazi kandi banabonye, nk’uko bababandanya babivuga.
Aristide Nizigire
Messages
19 Gitugutu 2014, 13:46, par Ntacontemanga!
Ahubwo nibazako uburundi aribwo bwonyene bufise abashingamateka bumugambwe!Nibakoreshe intonde zuguruye twitorere abaduserukira twebwe abenegihugu!Abubu bo naba leta nimigambwe bakomokamwo!
19 Gitugutu 2014, 16:27, par suprê
ndababwirukuri.uwomunyagihugu,avuzekoubumutanguyekudugakubaronderakuberaamatorayegereje.uwomwinumusomayovayo.kumbeyarabibonye,abashingamateka,buburundi,kuvanategwankamera,ntahondabonaabashingamateka,bagenderaabanyagihugu,ngobabazeibibagoye,kukwaribobjejwe,kandaribobabitoreye.azobarimbonekarimwe.munamashingamateka,bavugivyobikuriyemumitwe,ntabwarivyobababatumwenabanyagihugu,arikohegerejeamatora,emwe.nuwurivuyemwibuyeuzomubona.muburundi,abashingamateka,baracharabanyuma,muguserukira.abanyagihugu,ugereranijenibindibihugu,tanzania.yonyene.ahohafiyannyu.umushingamateka.akoribikorinka.kubanyagihugubamutoye.murahendababatama,bigitega,nomukayanza.nomukirundo.muriziriyantara,hauzuyimpumwi.arikubuabamazekubahinyura,barabahinyuye,harihigihe,mutazobonanabo,mugirishaamakoraniro.bibereyemumihira.ntachomumaze.
19 Gitugutu 2014, 19:01, par Stephen KABANGA
Bitebe bitebuke ABARUNDI bazoteba bac’UBWENGE ko BATANGUYE kwubahuka KUVUGA.NDIMUBANDI Nanje ndakeneye KWITORERA UWO NZI KANDI MBONA URUTONDE GWUGAYE NDAGWIYAMIRIJE!!!Heee,ko HEGEREJE Ubu MURATWEGERA!!!
19 Gitugutu 2014, 20:43, par Cizere
Mbega uwutari mu mugambwe nta shobora guserukira abanyagihugu? jewe nibaza ko ari nawe yobaserukira neza kuko atayandi matiku y’ivy’imigambwe yoza aratakazamwo umwanya. Abarundi turakwiye guhaguruka tugasaba ko uwuduserukira ategerezwa kwitoza ku gatwe kiwe, tukamenya ko aritwe twamurungitse,n’ico twamutumye, nawe akama azi ko ategerezwa kuduha inyishu ku vyo twamutumye. Yes things must change.
21 Gitugutu 2014, 19:52, par BAZOGENDA BARAGWIRA
Uwo yiyise Ntacontemanga,aho yavyononeye nuko yananiwe no kwemanga izina ryiwe bwite gusa.
Na yo ahandi ndabona ko uwomwigisha utwazo yovayo,kuko avuze ivyo nama niyumvirako kenshi.
20 Munyonyo 2016, 09:29, par oscar
ubwami bwimana burakwiy kuza