Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Amasasu yumvikanye ahakorera inama nshingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Amasasu yumvikanye ahakorera inama nshingamateka

Amerika : Amasasu yumvikanye ahakorera inama nshingamateka

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Ingoro y’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibiro vy’umukuru w’ico gihugu (Maison Blanche) vyamaze umwanya muto vyugawe kuri uwu wa mbere, inyuma y’amasasu yumvikaniye mu kibanza bakiriramwo abantu mu ngoro y’inama nshingamateka ya Amerika, mu gisagara ca Washington.

Intango y’ukwimvikana kw’ayo masasu ni umuntu yinjiranye inkoho mu kibanza kirimwo ingoro y’inama nshingamateka. Igihe uwo muntu yaca mu vyuma bipima ibirwanisho bicira umuriro, imbugita n’ibindi vyuma bishobora gukoreshwa nk’ibirwanisho yari afise vyavugije urwamo, uwo muntu aca asohora inkoho.
Umupolisi yaciye amurasa aramukomeretsa, ariko bisanzwe. Uwo muntu yaciye ajanwa mu bitaro.
Umunyagihugu umwe w’umugore nawe nyene yarakomeretse gato.

Igiporisi caciye gifata ingingo y’ukwugara mu kanya gato iyo ngoro, hamwe n’ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika. Iryo tegeko ry’ukwugara ingoro y’inama nshingamateka ryahavuye rikurwaho mu nyuma.

Uwo muntu yitwaje inkoho yinjiye muri ico kibanza mu gihe abashingamateka bari mu karuhuko ka Pasika, ariko akaba ari indwi ingenzi zigendera ku bwinshi igisagara ca Washington.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.