Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Amasasu yumvikanye ahakorera inama nshingamateka
Amerika : Amasasu yumvikanye ahakorera inama nshingamateka
mardi 29 Ntwarante 2016, par
Ingoro y’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibiro vy’umukuru w’ico gihugu (Maison Blanche) vyamaze umwanya muto vyugawe kuri uwu wa mbere, inyuma y’amasasu yumvikaniye mu kibanza bakiriramwo abantu mu ngoro y’inama nshingamateka ya Amerika, mu gisagara ca Washington.
Intango y’ukwimvikana kw’ayo masasu ni umuntu yinjiranye inkoho mu kibanza kirimwo ingoro y’inama nshingamateka. Igihe uwo muntu yaca mu vyuma bipima ibirwanisho bicira umuriro, imbugita n’ibindi vyuma bishobora gukoreshwa nk’ibirwanisho yari afise vyavugije urwamo, uwo muntu aca asohora inkoho.
Umupolisi yaciye amurasa aramukomeretsa, ariko bisanzwe. Uwo muntu yaciye ajanwa mu bitaro.
Umunyagihugu umwe w’umugore nawe nyene yarakomeretse gato.

Igiporisi caciye gifata ingingo y’ukwugara mu kanya gato iyo ngoro, hamwe n’ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika. Iryo tegeko ry’ukwugara ingoro y’inama nshingamateka ryahavuye rikurwaho mu nyuma.
Uwo muntu yitwaje inkoho yinjiye muri ico kibanza mu gihe abashingamateka bari mu karuhuko ka Pasika, ariko akaba ari indwi ingenzi zigendera ku bwinshi igisagara ca Washington.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2016, 19:16, par INTAGOHEKA
IBIGANIRO VYIHUTIGWA BIAKUMIRA BIHURIKIYEMWO BOSE ABAGIRITEBWOBA BOSE NABARIKORA MUBURUNDI NTIBAZOSIGARINYUMA