Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibigize amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe rigomba guhabwa ahahoze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibigize amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe rigomba guhabwa ahahoze (...)

Ibigize amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe rigomba guhabwa ahahoze isoko nkuru

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mw’ishirahamwe OLUCOME baranegura itangwa ry’ikibanza cahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura kuko bisa naho ari kunyaga abarundi. Bimwe mu masezerano hagati y Reta y’ Uburrundi n’iryo shirahamwe ry’ abashinwa rikaba ari uko rizohakorera imyaka 50 yose ishobora kwiyongera.

Ikibanza cahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura coba kigiye gutangwa, ibiri mu masezerano ari hagati ya Reta y’ Uburundi hamwe n’iryo shirahamwe , avuga ko ico kibanza cahawe iryo shirahamwe kuhakorera urudandazwa mu kiringo c’imyaka 50 ishobora kwiyongera, kikaba gifise uburinganire bungana n’amahegitari 3,65 kigizwe n’igice cose cahiye hamwe n’ikibanza kidandarizwamwo imboga n’ivyamwa muri kino gihe. Ayo masezerano ategekanya ko mu mezi atatu ayo masezerano atewe ko igikumu, iryo shirahamwe ry’abashinwa ritegerezwa kuba ryatanze ingene ibikorwa vyo kwubaka bizogenda hamwe n’ikirangaminsi c’ishigwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Iryo shirahamwe ryiyemeza kwubaka muri ico kibanza mu kiringo c’imyaka itanu igorofa y’ubudandaji mu buhinga bwa none, muri iyo gorofa hazoba harimwo inzu nini irimwo ivyumba vyinshi vy’uburaro, amamangazini menshi ikibnza gishobora kwakira imiduga 250 hamwe n’izindi nyubakwa zizoba zikeneye.

JPEG - 44.1 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Muri ayo masezerano Reta y’ Uburundi yiyemeza kworohereza iryo shirahamwe mu vyerekeye amatagisi ,mu kwinjiza ibikoresho vyaryo hakurikijwe amategeko y’igihugu c’ Uburundi hamwe no kworohereza abakozi bazoba bavuye hanze baje gukorera iryo shirahamwe. Reta y’ Uburundi yiyemeza kandi gufasha iryo shirahamwe mu vyerekeye gutumatumanako amakuru , amazi, umuyagankuba n’ibindi bikoresha bijanye. Ryiyemeza gukoresha abakozi b’abarundi ku rugero rw’ibice 50 kw’ijana igihe cose ivyo bikogwa bizomara, Rizotanga ikori ringana ibice 8 kw’ijana ku mwaka vy’amafaranga rizokwinjiza.

Ariko naho biruko Reta y’ Uburundi irashobora guhagarika ayo masezerano hamwe iryo shirahamwe ritotanga ingene ibikorwa vyo kubaka bizogenda hamwe n’ikirangaminsi mu mezi atandatu, inyuma yaho ayo masezrano azoba yatereweko igikumu, kudatanga ikori nk’uko bitegekanijwe, kudakora ibikorwa nk’uko bitegekanijwe , kutubahiriza umwanya w’ibikorwa canke amasezerano nk’uko bavyumvikanyeko.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.