Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibigize amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe rigomba guhabwa ahahoze (...)
Ibigize amasezerano hagati ya Reta n’ishirahamwe rigomba guhabwa ahahoze isoko nkuru
jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par
Mw’ishirahamwe OLUCOME baranegura itangwa ry’ikibanza cahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura kuko bisa naho ari kunyaga abarundi. Bimwe mu masezerano hagati y Reta y’ Uburrundi n’iryo shirahamwe ry’ abashinwa rikaba ari uko rizohakorera imyaka 50 yose ishobora kwiyongera.
Ikibanza cahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura coba kigiye gutangwa, ibiri mu masezerano ari hagati ya Reta y’ Uburundi hamwe n’iryo shirahamwe , avuga ko ico kibanza cahawe iryo shirahamwe kuhakorera urudandazwa mu kiringo c’imyaka 50 ishobora kwiyongera, kikaba gifise uburinganire bungana n’amahegitari 3,65 kigizwe n’igice cose cahiye hamwe n’ikibanza kidandarizwamwo imboga n’ivyamwa muri kino gihe. Ayo masezerano ategekanya ko mu mezi atatu ayo masezerano atewe ko igikumu, iryo shirahamwe ry’abashinwa ritegerezwa kuba ryatanze ingene ibikorwa vyo kwubaka bizogenda hamwe n’ikirangaminsi c’ishigwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Iryo shirahamwe ryiyemeza kwubaka muri ico kibanza mu kiringo c’imyaka itanu igorofa y’ubudandaji mu buhinga bwa none, muri iyo gorofa hazoba harimwo inzu nini irimwo ivyumba vyinshi vy’uburaro, amamangazini menshi ikibnza gishobora kwakira imiduga 250 hamwe n’izindi nyubakwa zizoba zikeneye.
- Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME
Muri ayo masezerano Reta y’ Uburundi yiyemeza kworohereza iryo shirahamwe mu vyerekeye amatagisi ,mu kwinjiza ibikoresho vyaryo hakurikijwe amategeko y’igihugu c’ Uburundi hamwe no kworohereza abakozi bazoba bavuye hanze baje gukorera iryo shirahamwe. Reta y’ Uburundi yiyemeza kandi gufasha iryo shirahamwe mu vyerekeye gutumatumanako amakuru , amazi, umuyagankuba n’ibindi bikoresha bijanye. Ryiyemeza gukoresha abakozi b’abarundi ku rugero rw’ibice 50 kw’ijana igihe cose ivyo bikogwa bizomara, Rizotanga ikori ringana ibice 8 kw’ijana ku mwaka vy’amafaranga rizokwinjiza.
Ariko naho biruko Reta y’ Uburundi irashobora guhagarika ayo masezerano hamwe iryo shirahamwe ritotanga ingene ibikorwa vyo kubaka bizogenda hamwe n’ikirangaminsi mu mezi atandatu, inyuma yaho ayo masezrano azoba yatereweko igikumu, kudatanga ikori nk’uko bitegekanijwe, kudakora ibikorwa nk’uko bitegekanijwe , kutubahiriza umwanya w’ibikorwa canke amasezerano nk’uko bavyumvikanyeko.
Floxella Karire
Messages
26 Ruhuhuma 2015, 12:28, par Muheto
abo ba DD barapfuye nabi! Arko nibarindire gato!
26 Ruhuhuma 2015, 14:40, par jean ngabo
AYO NI AMAJAMBERE,KALIBU IWACU ABAGWIZATUNGA,MUDUHE AKAZI,
26 Ruhuhuma 2015, 22:31, par Nuwera
Mbesha bobabaje abobashinywa? Mbona nabashaka kwigihigu cacu gitwarwa kubwabazungu bavugarikijana uwobuzabarwizatunga ntahataniye ninzara yasasita!!!.
27 Ruhuhuma 2015, 23:15, par tharcisse
Reka ndababwire mwa barundi ,uburundi nta bubasha bufise bwo kwubaka isoko rigezweho!ahubwo igikenewenuko bosubiramwo amasezerano kugira Leta ntizohahombere hamwe nabadandaza bahozze bahakorera kugira nabo baze baronke ibibanza,namahera yinjira muri leta niburiburibibe nkibice 30%.nayahandi ngaho iwacu turakeneye isoko ya kijamberehamwe nabanyamahanga batugendeye baronka aho basumira naho bivuna akanyota bagatako bakaruhuka bitagoranye.Intwaro mbi nizo zatumye tutatera imbere!
2 Rusama 2016, 14:58, par christian
twebwe ino murushubi twagomba kwubakisha isoko kumucungwe none vyaranse
2 Rusama 2016, 15:00, par christian
twebwe ino murushubi twagomba kwubakisha isoko kumucungwe none vyaranse