Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bujumbura: Apfungiwe mw’igendereza yagirizwa gukorana na M23
Bujumbura: Apfungiwe mw’igendereza yagirizwa gukorana na M23
mercredi 19 Ruheshi 2013
Mu rwego rw’igendereza mu Burundi harapfungiwe umwigisha wa kaminuza Inyasi Bankamwabo, aho yoba yafashwe ngo yagirizwa ko yoba akorana n’umurwi w’abarwanyi ba M23 bo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Nk’uko bivurwa n’uwumuburanira Isidore Rufyikiri, avuga ko uyo mwigisha wa kaminuza yafashwe n’urwego rw’igendereza ry’Uburundi bidakurikije amategeko kuko yafashwe mw’’ijoro, afatwa atazi ico azira, ndetse ngo akaba yamaze ijoro ryose ariko arabazwa, ivyo bikaba binyuranye n’amategeko kuko umuntu wese afise uburenganzira bw’ukwihorera maze ibibazo abazwa bikishura uwumuburanira, na rirya umushingwamanza wiwe Rufyikiri avuga ko yagiye mu rwego rw’igendereza icuro zitari nke ariko akavayo atamubonye kuko bamubariye ko uruhusha ruva hejuru, akibaza uko urwo ruhusha ruzoboneka na rirya impusha ziva hejuru abantu bose bazirindira amaso agahera mu kirere, eka ndetse n’umuryango wiwe ngo woba utaramubona kuva apfunzwe.
Ikindi naco, ni ukwo ivyo uwo aburanira yagirizwa bidafise ifatiro kuko kwagirizwa ko yoba afitaniye ubucuti n’abamwe mu bagize umurwi M23 atari icaha, ikindi n’imfashanyo yagirizwa ko yoba aha uyo murwi, umushingwamanza Rufyikiri aratangazwa n’iyo mvugo, mu gihe amenyesha ko bitangaje iyo havuzwe ko umwigisha wa kaminuza yofasha umurwi urwana nka M23.
Ku bwiwe rero, yemeza ko Inyasi Bankamwabo yafatiwe iyindi mvo ya politike ariko atari ukwo yoba afitaniye ubucuti n’uwo muri, arangiza amenyesha ko ataco bizoshikako kuko urwo rwego rw’igendereza rumaze gufata abantu benshi kandi bagapfungwa, maze bagasohoka atanakimwe kibagiriye. Uyo mwigisha rero apfunganywe n’umumenyeshamakuru w’iradiyo y’igihugu Lusiyano Rukevya aho nawe nyene yoba yagirizwa ico caha c’ugukorana n’umurwi wa M23.
Aristide Nizigire