Accueil > Amakuru > Poritike > Burundi: Amatora yo mu 2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na (...)
Burundi: Amatora yo mu 2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na Nyakanga
vendredi 7 Ntwarante 2014
Amatora mu Burundi azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Nyakanga umwaka w’2015, ayandi makuru ajanye n’amatora akazotangwa mu gihe kindi nk’uko bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye ajejwe gutanga amakuru mu murwi ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission éléctorale nationale indépendante).
Prosper Ntahorwamiye asanzwe ajejwe gutanga makuru muri uwo murwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, yamenyesheje ko ikirangamisi gikwiye c’ukungene amatora azogenda kitararashirwaho, ariko aca amenyeshako amatora azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Nyakanga, umwaka w’2015 , ayandi makuru akazotangwa mu gihe gikwiye nk’uko abandanya abishikiriza.

Prosper Ntahorwamiye, yamenyesheje ko imyiteguro ari yose, mbere ko bamaze kugera ku ntambwe zitari nke mu vyerekeye gutegura ayo matora. Ku bwiwe, ikarata ndangamuntu zishasha z’ubuhinga bwa none (carte d’identité biométrique ) nta ngorane nimwe zizotera, kuko abasanzwe bakurikiranira hafi ivy’amatora hamwe n’imigambwe, bamaze gusaba ko iyo karata ndangamuntu, itokoreshwa mu matora yo muri 2015. Eka mbere n’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro ntirizotera ikibazo nk’uko yabandanije abivuga.
Floxella Karire
Messages
8 Ntwarante 2014, 09:44, par Edouard Ntawuzahihera
Biragaragara ko iyo CENI ata nguvu n’ishaka ifise ryo gutegura neza ayo matora kuko iguma inumye ku bibazo nkoramutima biri mu gihugu(3è mandat, constitution, loi électoral, destitution des partis politiques,...)
9 Ntwarante 2014, 19:08, par tharcisse
Iyo CENI itwarwa numu DD yo yotunganya amatoara akagenda neza!ntihagire ikintu kinini bokwizerakuruwo mrwi kuko twarabonye ivyabaye twarumvise ivyabaye Muri 2010.
30 Myandagaro 2014, 11:45, par Chikinoris
Igihugu cacu tuzokirwanira reka bashake bagire Adolph umukuru wa CNI twebwe ico tuzi vyanka bikunze aba DD barataha banse bazokivako nka Kadaffi,imyiteguro dufise irakwiye.
8 Ndamukiza 2015, 21:18, par michel
kuberiki iyo karanga muntu itazokora kandi hariho abantu bazifise bizoca bigenda gute?
20 Ruheshi 2015, 21:02, par ELIE
AMATORA NABE YEMWE NTIDUSUBIRE MUKIBIRA
31 Gitugutu 2016, 11:13, par kevin
none nkamwe muhagarariye ayo matora mwokora iki? kugira ivyo ntibisubire kuba
31 Gitugutu 2016, 11:14, par kevin
none nkamwe muhagarariye ayo matora mwokora iki? kugira ivyo ntibisubire kuba