Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Uburyo igiturire kigwanywa ntibubona kumwe
Burundi : Uburyo igiturire kigwanywa ntibubona kumwe
mercredi 25 Nyakanga 2013
Inyuma y’aho Angela Barumpozako, umukuru w’igipolisi kijejwe kurwanya igiturire amenyesheje ko bakorana neza n’amashirahamwe yishinze kurwanya igiturire, Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOM) avyamirira kure, avuga ko ico gipolisi bakorana iyo ari ama dosiye matomato, hageze kuyavugwamwo abategetsi bakorako bagasha.
Angela Barumpozako, umukuru w’igipolisi kijejwe kurwanya igiturire amenyesha ko bakorana neza cane n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, arwanya igiturire, nka OLUCOME, PARCEM hamwe na OAG. Abandanya amenyesha ko iyo ayo mashirahamwe amenyesheje ahabereye igiturire canke ubunyonyezi kanaka, ico gipolisi kica cihutira gukora amatohoza bakabikorerako bakaraba ko harimwo icaha, amadosiye bakayajana muri sentare. Asaba ayo mashirahamwe gutanga amadosiye mu gipolisi aho kwiruka kuyavugira ku bimenyeshamakuru.

Angela Barumpozako arashima kandi kubona igihugu c’Uburundi catowe kuba icicaro c’amashirahamwe arwanya igiturire muri Afrika. Kubwiwe, ni intwambwe nziza ku Burundi kuko vyerekana ko intumbero igihugu cihaye yo kutihanganira abarya igiturire ibonwa neza n’abakurikiranira hafi ibikorwa vyo kurwanya igiturire.
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire OLUCOME yamirira kure ivyo bishikirizwa n’uwurongoye igipolisi kidasanzwe kirwanya igiturire, avuga ko ico gipolisi bakorana iyo ari amadosiye mato gusa, ariko hagera ku madosiye manini manini, ico gipolisi kirakorako kigasha. "Hari amadosiye akomakomeye tumaze kubaha arimwo ndetse n’abategetsi bakomakomeye, ariko bazishikako ntibakoreko.

Ku bijanye n’uko Uburundi bwahawe icicaro c’amashirahamwe arwanya igiturire muri Afrika, Gabriel Rufyiri we siko abibona mu gihe igihugu c’Uburundi kikiri kure mu kurwanya ibiturire, mu gihe ishirahamwe International Transparency, ku rutonde ryakoze, Uburundi bugira 6 mu bihugu vya mbere birya igiturire kw’isi nzima.
Floxella Karire
Messages
26 Nyakanga 2013, 00:39, par NTUNGWANAYO Erick
IVYIZIGIRO VYO GUTSIND IGITURIRE SIKIRENGA MUBARUNDI KUKO AHOBIGEZE NO KUBA NTAHONIKORA BIRAGURWA. UMUSHIKIRANGANJ ATANG AKAZI KUBADEPOJE VUBA HARIH ABAMAZE 4-3ans BAGASABA WE NTAWOMUGIRA KW ITOHOZA? UBUNTU BWARARENGEWE N UKWIKUNDA NTAHO TUKIJA PÉEE!
22 Rusama 2014, 20:43, par orneirakoze
IGITURIRE KIZOHERA MUGA YARI INGIRAKAMARO EREGA IMPENE IRISHA AHIZIRITSE