Accueil > Poritike > Imigambwe > Edouard Nduwimana yahamagaye abanyeporitike bahunze igihugu
Edouard Nduwimana yahamagaye abanyeporitike bahunze igihugu
mercredi 11 Ntwarante 2015
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahamagarira abanyeporitike bahunze igihugu kugaruka.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba avuga ko umurundi wese afise uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa nshingiro bwo gusohoka igihugu no kwinjira. Ku bw’ivyo, Edouard Nduwimana asaba abarongoye imigambwe bahunze igihugu nka Leonard Nyangoma, Alexis Sinduhije n’abandi, bose kugaruka mu Burundi, bitegurire amatora nk’abandi. Edouard Nduwimana kandi, avuga ko n’abanyeporitike bafise imanza mu butungane ariko zikiri mu mburano,ko bashobora kwitoza. Abo nabo, akaba ari nk’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta ya CNDD FDD, nka Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri, hamwe na Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU.
Tukabamenyesha ko, hari amwe mu makuru avuga ko, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ariryo ryasavye rwose Reta y’Uburundi, kureka abanyeporitike bahunze igihugu bagatahuka, kugira bitegurire amatora yo muri uyu mwaka w’2015.
Aristide Nizigire
Messages
11 Ntwarante 2015, 11:12, par mutama
None mwari murindiriye utunywafinywafi twa abanyaburaya
Le rdicule ne tue pas sinon tuba twarabagandutseko
11 Ntwarante 2015, 13:27, par YOHANI DE FRANCE
11 Ntwarante 2015, 19:41, par Kaminuza
Mubatahuka Radjabu yoba arimwo ga Doudou?
11 Ntwarante 2015, 19:59, par Ndihokubwayo
Nduwimana na Nkurunziza, ku neza y’abanyagihugu, ivy’amatora nimushire ku ruhande, mutware ikiringo canyu gisigaye mu mahoro, hanyuma muhejeje, mushikirize intwaro Intwazangabo z’Uburundi, kugira bashireho Gouvernement intérimaire iyobowe n’uwo bazoba bumvikanyeko n’aba acteurs politiques, Societe civile et Clerge. Iyo Gouvernement de transition niyo izotegura amatora kandi yongere yandike neza Constitution igomba gukurikizwa ku ntwaro zizokurikira. Twige kuba aba pacifistes b’umutima ata gusesa amaraso y’abanyagihugu k’ubusa... Canke nyene ababishoboye nibashire hamwe hanyuma bandikire Intwazangabo z’Uburundi, bazisaba gushira mu ngiro ico gikorwa co gutunganiriza Igihugu amatora aboneye, mu gihe Nkurunziza azoba ahejeje gutwara mandat yiwe igira kabiri kuko iya gatatu yagoranye ku batavuga rumwe nawe... Murakoze!
11 Ntwarante 2015, 20:01, par Ndihokubwayo