Accueil > Amakuru > Ubutungane > Haratanguye kwubakwa ikigo kizokwakira abana bakurikiranwa n’ubutungane
Haratanguye kwubakwa ikigo kizokwakira abana bakurikiranwa n’ubutungane
mercredi 13 Munyonyo 2013
Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yaratanguje ibikorwa vy’urwubako rw’inyubakwa zibiri zizokwakira abana batarakwiza imyaka 18 bagirizwa ivyaha mu butungane (centre de reéducation pour mineurs).
Ivyo bigo bibiri bizojamwo abana bakurikiranwa n’butungane badashikana imyaka 18 (centre de reéducation pour mineurs). Ivyo bigo rero bikazoba biri mu ntara ya Ruyigi hamwe no mu Rumonge. Umushikiranganji Pascal Barandagiye yamenyesheje ko ivyo bigo ari ivy’abana bagirizwa bapfunzwe bagirizwa ivyaha bitandukanye. Iciyumviro nyamukuru catumye biyumvira iyo nyubakwa n’uko abana bakwiye gufatwa ugutandukanye n’abakuze, kuko imyaka n’ubwenge biba bitangana, kandi n’amategeko mpanavyaha abagenga ataba ari amwe.

Ivyo bigo bikaba bije hageze kuko uravye ibitigiri vy’abana bari mu mabohero ukongera ukaraba n’ubuzima babayemwo, abenshi ntibagira aho barara n’ivyo bipfuka kwifuka.
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umwe mu bana bafunzwe, hari n’abana benshi mbere bacika abasazi ku mvo y’uko babuze ikibasamaza (divertissement).
Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye akaba yamenyesheje ko ubutungane ku bana butegerezwa gufatira ahanini ku vyankenerwa nko mu miti hamwe na kazoza kabo bana kugira bashobore gusubira mu buzima busanzwe bubaha amategeko.
Ikigo co mu Rumonge kikazokwubakwa ku mfashanyo y’ishirahamwe riharanira agateka k’abana UNICEF, ribifashijwemwo na Reta ya Norvege. Uwo mugambi utegekanya ko ico kigo kizohera kwubakwa mu mwaka w’2014, igenekerezo rya 28 Ruhuhuma.
Floxella Karire
Messages
13 Munyonyo 2013, 22:14, par Coldman’Zi
Ni uko rero twipfuza ko abategetsi bokorera abanyagihugu n’u Burundi. Imbere ko batangura kubaka izo ngo z’abana, ntibazokwibagire gushira mwo amashure, ibibuga vy’inkino, piscines n’ivuriro. Ikindi gikomeye kandi nkoramutima, bazobe bateguye banashire en public (hanze):
1. des plans sur placards/pancartes zerekan’amashusho uko ivyo bigo bizoba
bitegekanijwe
2. Maitre d’ouvrage, maitre d’oeuvre na les sponsors/financement
N.B. Gurtyo, abarundi n’amakungu tuzoshir’amazinda ko ata manyanga yahabaye kandi ibikorwa vyatunganishijwe bishirwa mu ngiro ku mugaragaro. Ntidukeneye kumva canke kubon’amanyanga yabaye ku nyubako za Aeroport, Ecole des Metiers de Bubanza, Ecole des Travaux Publics de Gitega etc..... Dukeneye inyubakwa nziza, amabarabara akomeye kandi yagutse avec trottoirs atari ary’amara kabiri akaba yasenyutse kubera yagiy’aribwa/ ashiturwa (ep. des couches, largeur du troncon, qualites des materiaux, incompetances du personnel technique/bureau d’etude etc .......)
C/O a. Route Bujumbura-Kamesa-Buhonga-Jenda
b. Route Bujumbura-Rumonge
Il faut que nos autorites respectent scrupuleusement les normes standars et internationaux. Ni n’uko abarundi tuzoba turiko twiyubahiriza, u Burundi bwacu bugire izina ryiza mu makungu.