IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ibiganiro hagati ya Leta y’Urwanda na FDLR birashoboka?

Ibiganiro hagati ya Leta y’Urwanda na FDLR birashoboka?

mercredi 29 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete aho ari i Addis Abeba mu gihugu ca Ethiopiya yarasavye ibihugu vya Uganda n’Urwanda kugira ibiganiro n’imirwi ibarwanya ikorera muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ku makuru dukura ku nsamirizi y’abafaransa RFI, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete yoba yarasavye Leta y’Urwanda ko yogirana ibiganiro n’umurwi wa FDLR.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo yishuye mu kiganiro yagize n’abamenyeshamakuru b’insamirizi y’abafaransa RFI ko abasaba ko Urwanda rwokwicarana n’Umurwi wa FDLR ku meza y’ibiganiro batazi ivyo bavuga.

JPEG - 8.5 ko
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo

Bikaba gutyo mu gihe muri Amerika hari umwe mu miryango y’abanyarwanda witwa ”Rwandan American Community of Midwest" wandikiye ikete umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama umusaba kwifatanya nabo mu gusaba Jakaya Kikwete kwisubirako kuri ayo majambo yashikirije.


Egide Nduwimana

Messages

  • hanyuma se amaherezo azaba ayahe? YEWE nihashaka hashire imyaka 100 amaherezo muzumvikana tu, none se aho mubaharira congo ni iwabo? IBYO SE MUVUGA NGO NI ABA GENOCIDAIRE muzaba mukibivuga nko muri 2040 ko bose bazaba baripfiriye hasigaye abavutse nyuma yiyo genocide!!!!! nzabandora ni umwana w’umunyarwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.