Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyiteguro y’ibirori vyo guhimbaza imyaka 51 iheze twikukiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiteguro y’ibirori vyo guhimbaza imyaka 51 iheze twikukiye (...)

Imyiteguro y’ibirori vyo guhimbaza imyaka 51 iheze twikukiye irabandanya

samedi 29 Ruheshi 2013

Mu gihe nyenicubahiro umukuru w’igihugu yariko arabonana n’aba buramatari bose mu ntara ya Ngozi mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mukuru wo kwibuka umunsi twaronkeyeko intahe yo kwikukira, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yatumiriye abarundi bose kwitaba ibirori vy’imyaka 51 iheze Uburundi bwikukiye.

Igihe uburundi buzohimbaza kuri uwo munsi wa mbere Mukakaro imyaka 51 iheze bwikukiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasohoye itangazo aho ahamagarira abarundi bose kwitaba ivyo birori vyo guhimbaza uwo munsi.
Icivugo c’uwo munsi akaba ari:" Uwu mwaka w’inyuma ya yubile wotubera akaryo ko gutangura gushasha, kugira tubungabunge ukwikukira twahawe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore. " Ibirori bikazobera mu gihugu cose bihagarikiwe na ba musitanteri batowe ngo barongore amakomine nk’uko bivugwa n’umunyamabanga ntayegayezwa mu biro vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gerard Nyandwi.

Hasigaye iminsi itatu gusa, imyiteguro igeze kure. Mu gitondo co kuri uyu gatanu 28 ruheshi 2013, abasirikare n’igipolisi bariko baragira imyimenyerezo y’idefile bazogira kuri uwo munsi mukuru. Amabarabara yo mu gisagara ca bujumbura arasayangana asizwe n’amabara yera, y’urwatsi rubisi hamwe n’iri tukura. Umurwi ujejwe gutegura imisi mikuru ukaba uriko urakora ibishoboka vyose kugira uwo musi mukuru uzogende neza. Eka ndetse n’ikibanza c’itiriwe ukwikukira kirayagayaga, aho isanamu y’uwiguze Uburundi yasubiwemwo, hakaba hasa neza cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.