Accueil > Amakuru > umutekano > Indongozi za CNDD FDD zateguye imyiyerekano ku civugo "MVAKO"
Indongozi za CNDD FDD zateguye imyiyerekano ku civugo "MVAKO"
vendredi 10 Ndamukiza 2015, par
Indongozi z’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu zateguye mw’ibanga ntangere imyiyerekano yo gushigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Abanyagihugu bagera ku bihumbi mirongo ibiri bakuwe mu gihugu cose bitezwe i Bujumbura kuri uwu gatandatu mu myiyerekano ku civugo "MVAKO".

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2015, hategekanijwe imyiyerekano y’Imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe, ikaba itegekanijwe kuzobera mu gisagara ca Bujumbura gusa. Nk’uko amakuru twaronse abivuga, kazoba ari akaryo ko gutera ubwoba abadashigikiye Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu bavuze ko bazokwihereza amabarabara niyasubira kwitoza, hamwe n’ukwereka abanyagisagara ca Bujumbura ko Uburundi butagarukira mu gisagara ca Bujumbura gusa. Abo banyagihugu baharurwa mu bihumbi mirongo ibiri bavanywe mu gihugu cose, bikavugwa ko imiduga yo mu bwoko bwa "Camion" yamye irabaseha kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu. Abo bazokwitaba iyo myiyerekano yoba iriko itegurwa mw’ibanga bakaba bagizwe n’abo muma komite y’uwo mugambwe mu ntara, muma komine no ku mitumba yose igize igihugu c’Uburundi, hamwe n’abashizwe ku ntonde z’abazokwitoza muri uwo mugambwe, bakazoba bari kumwe n’indongozi z’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, Imbonerakure hamwe n’abahoze ku rugamba, kugira berekane inguvu bafise ku bamaze kugabisha ko bazoja mw’ibarabara kwiyamiriza Petero Nkurunziza.
Iyo myiyerekano izoba ku civugo "MVAKO", bikavugwa yoba yateguwe n’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, ubicishije ku mushingamateka Jean Baptiste NZIGAMASABO batazira "GIHAHE", yatowe mu ntara ya Kirundo, hamwe n’umushingamateka Reveriyano NDIKURIYO yatowe mu ntara ya Makamba, uwo nawe akaba arongoye ishirahamwe FFB ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Mu mugambwe CNDD FDD barahakana ko ata myiyerekano bariko barategura kuri uwu wa gatandatu, ahubwo bakamenyesha ko bafise ikindi gikorwa kizomenyekana ejo nyene kuwa gatandatu, bahejeje kugitegura.
Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’igiporisi c’Uburundi ntaco bashima kuvuga kuri iyo myiyerekano y’ugushigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yoba iriko irategurwa. Naho ubuyobozi bukuru bwa CNDD FDD bubandanya kumenyesha ko uwuzoserukira CND FDD azotorwa mw’ikoraniro kaminuza, ayo makuru y’iyo myiyerekano yo gushigikira Petero Nkurunziza amenyekanye mu gihe hari ayandi dufise avuga ko umwanya n’umwanya umugambwe CNDD FDD ushobora gushira ahabona ko ariwe nyene utanze kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Egide Nduwimana
Messages
10 Ndamukiza 2015, 18:35, par niko james
mbe mwomenyera bazotanga udufaranga nka genda ntahuriza mumbarire kugira nje yo ndabe ko week.end yohera nsomye.
10 Ndamukiza 2015, 19:28, par Kaziviyo
mbe ivyo ni ibiki ga yemwe!
10 Ndamukiza 2015, 19:58, par mutimukeye p.
none ntibumvise ivyo mugenzi we yashikirije petero buyoya niyaba yumva adashaka guta igihugu mumanga nabivemwo ahe abandi birenge niwewe ubarirwa. intabarirwa ibarirwa nuko amaso atukuye jewe nibaza ko afise ico yishimirije ugira nizo mbonerakure ziwe gusa eka data we. ntazohave atetereza pasteur wiwe ngo babavundurure mucumba kumwe kwa bagbo na simone wiwe.
10 Ndamukiza 2015, 20:13, par JEANNE
NUKWINAAKAHEZE.BARAZABABEBARITERA.AMAZIRANTOKI
10 Ndamukiza 2015, 20:33, par Eric
Jewe ndino muri kayanza nunvise ko agahera kazoboneka nsinzi ahandi muzindi ntara , reka dutembane amahera ariko turazi aho tuzotora , aba DD bariko batera igere ryanyuma.
10 Ndamukiza 2015, 21:00, par Congera Jean Marie
Twirinde ku reliant ibikorwa vya misi yos vy’umugambwe na mandat ya Nkurunziza.Barundo aho gusamazwa niyo mandat,nosaba imigambw kuja mugihugu gutemberera abanwanyi babo.kuko ntayo tubona atari CNDD FDD.iyindi yahevy kuja mumatora?
10 Ndamukiza 2015, 21:21, par noella
none ko abo bantu aribenshi cyane,bose bazobona amahera babaha? kuko nkurikije ukuntu RPA yirirwa iravuga umenga na 10 ntibaboneka!! niba aribyorero niba aribyo rero muhame hamwe aba DD babatware kuko babarusha cash. abandi ni ukuvugira ku maradio gusa ntabikorwa.
10 Ndamukiza 2015, 21:21, par Nuwera
Umvandababwire twaba tuzotsinda canke ntidutsinde ntawyndi murayamatora azoserukira Cnddfdd mumatora atari prezida Nkurunziza, ikindi mwakinda mwunamye, canke mwakindisha nagakomokomo ntacoduhindura, mukoresheje amajambo natwe tuzokonesha amajambo, muzanye ibirwanisho ahohotuzocaturonka nabandi beshi tuvyumvakumwe bokudufasha kubahasha, nayohagize igihugu kivyisukamwo harikintu tuzocatwandikisha kitazigera cibagirana ku Burundi. Mbenyene nkaje ntitoreye Nkurunziza ubwakabiri sinoba nteshejwe agatekakanje.
10 Ndamukiza 2015, 21:25, par charles
nzoshigikira uzompa amahera kuko mwese muri bamwe.
10 Ndamukiza 2015, 21:33, par nadia
je ico ntarinzi ningene RPA itanga amahera mumugambwe MSD mwakoze kubidushikiriza kuri RTNB. byakebuye abatari bake.
10 Ndamukiza 2015, 21:34, par shaggy
iryo nigere ryanyuma uwuzakupfa atera igere none ejo bazoza gusejera peter wabo bamwihambire bagire batere igere ryanyu byeeeee mwaba dd tembagara mutuveko
10 Ndamukiza 2015, 21:43, par ndiho
named nyene abamenyesha makuru bigihe muzohore mutanga amakuru mwatohoje neza NGO biravurwa. biravurwa .iyo nikuru canke nigihuha canke nimpararo igihugu cose NGO biravurrwa ko hariko hatangwa ibirwanisho birwa nande ? bibwirwa NDE? ibihendwa abana
10 Ndamukiza 2015, 22:25, par NZOBAMBONA
EMWE UWUZORAMBA AZOBONA AHO ABARUNDI NTITWOJA HAMWE TUKUBAKA IGIHUGU TUKARABA KO UBUKENE BWOHERA HA!!MANA TABARA ABARUNDI TURENGERE INDYANE
10 Ndamukiza 2015, 22:33, par Elysé
Muzoze muratohoza inkuru neza icivugo c’ejo ni"ABAGUMYABANGA TURUMWE" ntabwo ari"MVAKO"nkuk mwabivuz.
10 Ndamukiza 2015, 22:57, par nduwimana felicien
Uyo avuga ngo hagize igihugu kivyisukamwo ngo bazoca bandikisha ikintu kitazopfa cibagiranye kuburundi mbe yibazako inzego zumutekano zose zishigikiye abo bicanyi ngo na ba dd?narindire nejo harageze tuzoraba abazohunga igihugu
10 Ndamukiza 2015, 22:57, par nduwimana felicien
Uyo avuga ngo hagize igihugu kivyisukamwo ngo bazoca bandikisha ikintu kitazopfa cibagiranye kuburundi mbe yibazako inzego zumutekano zose zishigikiye abo bicanyi ngo na ba dd?narindire nejo harageze tuzoraba abazohunga igihugu
10 Ndamukiza 2015, 23:18, par innocent
MANA ufashu ububurundi
10 Ndamukiza 2015, 23:41, par mvura
Ehehehhe aho babausya mwarihe ,,,,buca tubasesera akabanga baratwemereye amahera muga tuzopfa kugenda kugira turonke aka lation muga vuba tuzobamaramamaza tumenere inda kurukumu erega abo bose tuzoba tri ngaho ntanumwe abashigikiye muga kubera ubukene tuzogenda
11 Ndamukiza 2015, 00:10, par kaminuza
iyo foto isa n’izo nabonye kuri http://www.nshimye.com/photos.htm diference nukwo iyo ariy’imbonera kuru izindi bisa ariz’interahamwe twizere ko umugambi wazo zombi atari umwe
11 Ndamukiza 2015, 01:15, par BARANYIZIGIYE Florent
Nukuri birateye ubwoba !! Ariko tubandanye kuja ku mavi dusabe Umukama agarukire UBURUNDI !!!
11 Ndamukiza 2015, 05:08, par Nuwera
Ivyo bihuha abamenyeshamakuru vyokuviga ibintu badafitiye ivyemeze kugezanaho mutuntiza abenegihugu bagatabagahunga nivyomwaraniye vagihe mwankako mugihe muzanye inkuru yokugumura abarundi mwobihanirwa canke mukerekana ahomwakuye iyonkuru? None inyungu yoguteribihuha abenegihugu kugezanahobahunga bizobunguriki? Muzojamuvyabose? Ngohavurwa kohatangwa ibirwanisho! Ngohavurwa kobazivugana abatavugarumwe na reta! Nonekwamatora atazorekakuba mukaba muriko muravuga ibituma abotoye iyindimigambwe igatsinda mubona mutariko murafasha Cnddfdd kugira abanywanyi bayo bazosigare bitorera Nkurunziza badakebaguzwa? Genda Cnddfdd urafise umugisha murivyose! Uwugize ngwariko arakurwanya ahubwo usangariko arakwamamaza!.
11 Ndamukiza 2015, 07:32, par zozo
ebabawe nibaz ningabo za faraoni zarabany ayo zitari ziteze ntibibaz ngo imana irasinziriy kandi ng yahevy uburundi
11 Ndamukiza 2015, 07:50, par kijagajaga
naj ndabashigikiy.mana hezagiza ubwitonzi urwo rugendo
11 Ndamukiza 2015, 10:44, par HABIMANA Ferdinand
Mana tabara uburundi bugeze ahatemba.
11 Ndamukiza 2015, 11:32, par elijah sabiyumva
Iyaba abo bagira ivvyo batava amaraso niho nababara,barundi ntimwibagire ijambo ngo uwuzotanguza intambara izohere iwe yongere iherere iwe none mwebwe ntimusengera ayo ayo majambo?nimureme kuko abazoyitera nibo bazopfa.
11 Ndamukiza 2015, 12:27, par juma Abdoul
nibareke uyo mugambwe ntibazi aho wavuye barabaza abana bawo bagendanye.ibihemu vyamyeho muribuka ikoraniro kaminuza rya mbere aho twitoreye umuha tumuhawe n’imana nimwibuke ko harabo twita abagigiza abatariba ivyo bigabo vyagumye kw’izima kugira badusubize mugorane nkuko babigize kurugamba rwabanyagihugu raba neza haribindi bi mbwa bicinyegeje mu mugambwe wacu ukomeye CNDD FDD komera Nkurunziza abakugora na batakuzi ikanwabageni. nyebuye.ku muhasha.na handi heshi turagusavye nyakubahwa utubwirire mutama Nshimirimana ivyo bihemu ntibigutere ubwoba uti igambo zawe turacariho ntawuzogukorako Nyabenda nawe arabe neza ibipinga biracari vyishi vyinyegeje aho mubiro ahabere umugabo nkuko tumuzi .ivyagenda birasinyisha abagumyabaga.biracarimwo turabizi murara nti bikigiranire ikimbaba ama nama yivyo biheme bayakorera igitega komera bagumyabaga mwese gutora sivyo twigishwa ndabizigiye Nkurunziza uwo bita umuhuza wacu kuva kera nagume kugoma President wa barundi bifuza amaho ni bareke kukugora
11 Ndamukiza 2015, 12:37, par fast
abategura imigumukobo ntamarasobafise?uratwngeje
11 Ndamukiza 2015, 14:31, par minani
Aba dd mumbabarire kuba atabantu bize mufise mumugambe wanyu ningorane mubuzima bwumugambwe none ko piere nawenyene atarincabwe mumushimira kwicagusa ?? Imana ibuca ibatanga mwese mwibuke ibihangange kwisi iyobiri nka osama sadamu nabandi babanovye kuryakwinda mumpuzu. Namwe eeeeeeh
11 Ndamukiza 2015, 14:48, par Ubugaboburihabwa
Ewe fast uri ikijuju eka mbere ntanumutima ufise! Mbe aho wihenda ngwiyo mwavuye mwavuye hehe? Wihendayuko mwatsinze ex FAB aho niho muburira ubwenge! Hama ex FAB,yoyo yavuye hehe? Mwihendakwari mwe muzikurasa gusa sha murahumba nimutere igere ryanyuma hama mutembagare sha mbe muserukira inde mwihenda yuko arimwe gusa mwabonye ingwano namwe murageza gukorubwicanyi muze muheze murabe ko mutazopfa mwangara nka gahini! Mwihenda yukwarimwe muzi aho inkoho zigurirwa mwenyene natwe turahazi namahera turinayo kandi nimisore turinayo hama nkuko peter wanyu yamye avyivugira murazotanguziyo ngwano muze murabe yukwitazoherera iwanyu muri Cndd-fdd! Nuyo Jérasie wanyu yamajambo aheruka gushikiriza yarikwegeye asha numwuzukuruza azosiga yamukwegeye umuvumo!
11 Ndamukiza 2015, 17:34, par vuganeza
Mwa batindi mwe ngo ni ba zozo n’abandi,aho igiteye ubwoba ni ikihe,ba muradabwa nk’ivyana vy’inyoni,muranka kubona umuhutu ariko ntaho muzomushira,imyiyerekano nkiyo za murayimenyera!
11 Ndamukiza 2015, 18:25, par Nkurunziza Teophile
Tuzomutora100%
11 Ndamukiza 2015, 19:50, par amissi
ahahaha mbe iryamyiyerekano ubona harico yononye nubwo mwanka abahutu nabana beza kuko mwibuke ivyo mwakoze 72canke93 ubona arivyo cndd fdd arivyo ikora nimwitonde tubatwa namwe mwaradukinagije
11 Ndamukiza 2015, 19:51, par amissi
ahahaha mbe iryamyiyerekano ubona harico yononye nubwo mwanka abahutu nabana beza kuko mwibuke ivyo mwakoze 72canke93 ubona arivyo cndd fdd arivyo ikora nimwitonde tubatwa namwe mwaradukinagije
11 Ndamukiza 2015, 20:23, par MWANAHISABATI
tuzoraba abazoba ari benshi aho natwe tuzokwiyamiriza ico kiringo kihonyanga amategeko kikagaya abantu b’IMANA n’amakungu
11 Ndamukiza 2015, 22:07, par victor.
barundi bene wacu rwaruka muri mumbonera kure kuberiki mutoca ubwenge kobahitiye babakoresha bamariye iki ?kora ivyo mushaka ariko mumenyeko atagifise intango ngo kibure iherezo ariko iherezo rya cnd fdd rizoba ribi nkabazwa nimbonera kure muzohava muzira ivyo mutazi kubera ukutumva kwanyu uyo mwirukinyuma atagomba gushira ahintahe ishize niso wanyu mbega ko atawuhora ahoyabaye ubutegetsi mishimira umego ni mana yanyuni bwahinduka muzoca mujahe sugupfa mangara nkivyana vyinyoni mbonerakure zigihangange cintagondwa nkurunziza ivyomukora nimubikorone ubwe mumenye aho igihu cahoze mutegure kazoza kanyu nimiryango yanyu kejo mureke kwishinga basesa nkuyozo kanacinda ivyo babikora babizi kuko bazaho barunze gipara iyo usezera mumahora vyokubereyemwo inyungu muyindi myaka noneho usezeje amarira ivyi mana nasatani tibijana none imana ntiga ikugaragaze.
11 Ndamukiza 2015, 22:41, par kabura
Turindiriye ko agafyirimbi kavuga,,niho aba DD bazobona ko ubutegetsi buri mu ba nyagihugu,,,,aba nyagihugu bashavuye bamera kurya kuùuzinga winzuki,,iyo zashavuye naho uzica ntuzimara,,ahubwo wishemwo zikeya kubera uca umota imboyi zizo wishe zose zica zikwisukako,,,Abasenyeri barahanuye,,imigabwe yarahanuye,,société civile yarahanuye,, amakungu yarahanuye,,,akarere karahanuye,,imigambwe YINDI yarahanuye,,abahoze barongoye uburundi barahanuye ,,eka na bamwe mu bihangange vya CNDD-FDD barahanuye bamwe bobo baca baranirukanwa mu mugambwe no mu buzi ubu naba shomeri,,,IYO MIRWI YOOSE YOOSE TUZOHAGURUKA TWIYAMIRIZE KO PETER ASUBIRA KWITOZA,,,,GUPFA TUZOVYEMERA NTA WUPFA KABIRI,,,ABAZOSIGARA URUGAMBA BAZORUBANDANYA KANDI BARUTSINDE,,,,NTITUZOPFA TWEMEYE KUGIRWA ABAJA NA CNDD -FDD,,,KUBERA INYUNGU ZUMUNTU UMWE,,,,TWIBAZE KO IYI MISI MIKEYA ISIGAYE,,,PETER NKURUNZIZA AZOKWISUBIRAKO,,,,,
11 Ndamukiza 2015, 22:49, par merida
Uwuhoraho niwe mwungeri w’abarudi ,nayo Nyamitwe na Eduard uti Mugabe intambara mushaka ishobora guherera iwanyu
12 Ndamukiza 2015, 10:34, par Irambona Eric
Ntaco nobivugako ariko umugambwe wumushimye ntangorane iriho ariko wutemeye acareka
12 Ndamukiza 2015, 10:35, par Irambona Eric
Ntaco nobivugako ariko umugambwe wumushimye ntangorane iriho ariko wutemeye acareka
12 Ndamukiza 2015, 17:04, par kubwayo
3 choix pour NKURUNZIZA
1) kwitoza hakameneka amaraso
2) guheba kwitoza agakurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu
3) kwiyahura agapfa nka mugenzi we ADOLPHE HITHLER
12 Ndamukiza 2015, 17:17, par Minani evariste
Ese abanka ko petero nkurunziza yitoza boba bashaka iki? Nibemere abatware kuko ntidushaka kuba nkabo muri Libya ubu bicuza kadafi ,nukuri ubu turyama mumazu ntamuntu arara rubunda ,nabo bavuga ngo biracika usanga arabiyagiriza ivyo bakoze.
12 Ndamukiza 2015, 19:02, par mwanahisabati
NIBAVEKO NYABUNA IKIRINGO CA GATATU NTIGIKUNDA
12 Ndamukiza 2015, 23:44, par RUBERINTWARI Ernest-daglas
Iterabwoba rifis ico rikora muguhagarika muvyo abantu bamwe nabandi baba bipfuza gukora, iryo ryo rishoboora no kuzobuza abifuza kuja murirya myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo ca 3 arko umuntu wumigabo yiyemera ntazotinya kugaragaza ico yipfuza nubwo bozana iterabwoba risatura isi. REKA NTERE INTEGE ABARUNDI BUMUTIMA BATAZEMERA KWAMASEZERANO YI ARUSHA NIBWIRIZWA NSHINGIRO TWARONSE HASESETSE AMARASO MENSHI BITAHONYANGWA
13 Ndamukiza 2015, 08:02, par Mukobwajana
Abavuga ivya 3eme msndat ko atowe na dd ataco bamenye ko amategeko atamwemerera abatamushaka nico kirwanisho dufise
13 Ndamukiza 2015, 08:38, par kabizi
Aho babagorera ubwenge hari ubwo mufise? N’ubwo kurahura ntimugira namba!!!!
13 Ndamukiza 2015, 08:38, par kabizi
Aho babagorera ubwenge hari ubwo mufise? N’ubwo kurahura ntimugira namba!!!!
13 Ndamukiza 2015, 09:35, par HAJAYANDI
Murahumba burarya abanka ko NKURUNZIZA asubira gutwara n’abatutsi gusa? Abiramiriza 3ème Mandat n’abatutsi ? Ahubwo n’uko amacakubiri yabanyegeye gusa. Mwifuza gutwara mubanje kumara abatutsi ariko sinzi ko muzobishikako. Burya NIYOMBARE n’umututsi, Jérémie n’umututsi, RWASA s’umuhutu nawene yanka abatutsi nk’uko kwanyu. Léonidas s’umuhutu w’umu DD yanagwanye urugamba rwo kumara abatutsi umuntu n’akaboko kasigaye mu rwano murahumba. Ubu umu DD mufise yize ni Peter gusa? Erega amasezerano ntahinduka, icanditse kiba canditse. amasezerano avuga ko 3mandat zitabaho biba aruko nyene reka kugaza ivyamoko rero. Sinari umu DD ariko ntiyampemukiye.
14 Ndamukiza 2015, 21:24, par pepe
Imana iraraba ababeshi ikitwengera. Ni ngira kigongwe kubera yaba yaca ihaniraho tuba twaheze. ariko iradukunda. Koresha ukuri bene wacu kureke kubesha kubera Imana ntikunda abantu babesha.
17 Ndamukiza 2015, 19:41, par salvator
Ego pe yari mvako uwosubira rindi rimwe lnjavyi zoteketeza
17 Ndamukiza 2015, 21:19, par GNRL YAMU
EREGA IMANA YO N’IGITANGAZA NTA MISI ISIGAYE IHEZE IVYIMENYERE.
20 Ndamukiza 2015, 07:04, par Willy Ndabirorere
Naho Bagira Iyo Myirekanyo Bamenye Bamenyere Nkurunziza Ntazitoza Ikiringo Kiri Hafi Bazotanga!!?!@
!
20 Ndamukiza 2015, 17:59, par Rabelais
Naho bongana nk’umusenyi wo kukiyaga ukuri kwama gutsinda ikinyoma.Izombonerakure zozo zizohabonera nibemere gushorwa nk’impene!Abambere bahoney muri samalie ariko uwikorey ibihunda arumva........
20 Ndamukiza 2015, 17:59, par Rabelais
Naho bongana nk’umusenyi wo kukiyaga ukuri kwama gutsinda ikinyoma.Izombonerakure zozo zizohabonera nibemere gushorwa nk’impene!Abambere bahoney muri samalie ariko uwikorey ibihunda arumva........
21 Ndamukiza 2015, 15:26, par Niyongabo sal k
abo ban buburund mujuragiz mwabimy nubuz nimwer ukur kuk ivyanyu vyarahinyutse musigaye mwibagira nivyo mwatumw.
8 Rusama 2015, 21:39, par RUDOVIKO
NONE KOMUBONA BICA ABANTU NGONIMBONERAKURE ABANTU BAZOHAVA BAHERA BICWA NGO NIMBONERAKURE AHUBWO IMBONERAKURE NAZO ZIKORE IMYIYEREKANO BAHURE
5 Myandagaro 2015, 18:42, par ngendakumana olivier
cndd fdd ndayikunda canne
5 Myandagaro 2015, 18:55, par oliviet
non nikuberik bica abagize igihugu ahumbwo murabe ntibice petero nkurunxiza