Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Karrueche yatandukanye na Chris Brown
Karrueche yatandukanye na Chris Brown
vendredi 6 Ntwarante 2015
Karrueche Tran yatangaje ko ahebanye na Chris Brow, ati :" Sinshoboye kubandanya ndabisabirako".

Inyuma y’aho ikinyamakuru TMZ gitangarije ko umu "Rappeur" Chris Brown afise umwana w’amezi 9 w’umuhungu yavyaranye n’umunyamideri NIA, Karrueche Tran yavuye mu gacerere.
Ku murongo wa Instagram wa Karrueche handitse uku gukurikira:" Umviriza, singishoboye kubisabirako kandi. Umugisha kwa Chris n’umuryango wiwe". Ivyo rero vyumvikana ko Chris na Karrueche w’imyaka 26 aba i Los Angeles batandukanye.
Uwo mwana w’umukobwa wa Chris Brown yitwa Royalty, nyina w’uwo mwana NIA afise imyaka 31.
- Chris na Royalty
Mwomenya ko Chris Brown na Karrueche bari bakundanye kuva mu mwaka w’2011, gushika ubu nta mwana bari bwavyarane, eka na Rihanna bakundanye imbere ya Karruche nta mwana bavyaranye. Abo babiri barababajwe no kwumva yavyaranye na NIA inyuma y’ikiringo coba kingana umwaka umwe bakundanye.
Cherif Nkeshimana