Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Kaminuza ya Garissa yatewe n’abantu bataramenyekana
Kenya : Kaminuza ya Garissa yatewe n’abantu bataramenyekana
jeudi 2 Ndamukiza 2015
Kaminuza ya Garissa mu gihugu ca Kenya yatewe n’abantu batanu bitwaje ibirwanisho, abo bicanyi bakaba babanje kwica abasanzwe bacunga ubwinjiriro bw’iyo kaminuza.

Abo bateye iyo kaminuza, bakaba bahashitse igihe c’isaha cumi n’imwe z’ubuca kuri uwu wa kane, bashika barasa amasasu menshi, yaciye ahitana abantu 2, abandi nabo bagera kuri 29 bakaba bakomeretse.
Mw’itangazo ryaciye rishirwa ahabona n’igiporisi ca Kenya, ico giporisi kiremeza ico gitero, kikavuga ko bari abicanyi batanu, bashitse barasa urudavagi rw’amasasu badatoranya.

Igiporisi rero kikaba kivuga ko caciye kinyarutsa gutabara, kikaba carasanye n’abo bari bateye iyo kaminuza. N’aho abateye batarivuga canke ngo inzego za Reta zibadomeko urutoke, abatari bake aho muri Kenya bakaba bemeza ko abo bateye ari intagondwa z’umuhari wa Al shabab basanzwe bakunda guhangabanya umutekano w’abanyagihugu aho muri Kenya, bitwaje idini rya Islam.

Aristide Nizigire
Messages
2 Ndamukiza 2015, 22:08, par jeremie
ndahojeje imiryango yabuze ababo
3 Ndamukiza 2015, 07:41, par Innocent
Imana Ibakire Mubwami Bwayo.Igihugu N’isi Yose Turahomvye Aba Jeune.None Habuziki Ngwama Reta Yomuri Karere Akorane Agwanye Abo Bayobe.