Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Ikibazo c’ubukene bw’amazi kirateye umutima uhagaze
Kirundo : Ikibazo c’ubukene bw’amazi kirateye umutima uhagaze
mardi 13 Myandagaro 2013
Amazi ni ikibazo kitoroshe ku banyagihugu bo muri komine ya Busoni, ndetse bakaba ababishoboye baja kuvoma muri komine ya Kirundo n’amakinga, mu gihe abatabishoboye nabo baca bikora ku mazi y’imyonga n’ayibiyaga.
Abafise amakinga nibo boroherwa mu gihe bajana amabido atatu canke ane, ayo nayo agaheza akabamaza iminsi atangorane z’amazi bafise, mu gihe abayadandaza mu mazu y’uburiro batanga bayadandaza amafaranga amajana abiri ibido imwe.
Abagabo twasanze bicaye i Nyarunazi kw’ibarabara, nibo batubwiye ko uwutagira ikinga aba agowe kuko kuja mu Nagikono kuvoma atari ivyoroshe n’amaguru kuko ari urugendo rw’ibirometero bibiri.

Muri iki gihe c’uburuhuko, abana baja kuvoma ku makinga mu gatondo kare cane, ariko ngo basanga hatonze abantu benshi. Ndayisenga w’imyaka cumi n’ine (14) yatubariye ko yiga mu mwaka wa gatatu, aherekejwe n’abatoya biwe babiri, bari bavuye kuvoma kuri uyo mwonga w’aho i Nagikono muri komine Kirundo, batahanye amazi i Nyarunazi muri komine ya Busoni. Abo bana biboneka cane ko barushe, bariko barasuguma ikinga ripakiye amabido abiri, batubwiye ko bipfuza amazi hafi yo muhira kuko baruha cane n’ukuja kuvoma i Nagikono.
Iyo ngorane y’ubukene bw’amazi, ntiri aho i Nyarunazi gusa, kuko haba mu Rusarasi, mu Gatare, hose abanyagihugu usanga bayatondeye ari benshi, bamwe bazanye amakinga, abandi nabo bagafatanya amabido abiri kugira batahane menshi, ntibagaruke. Abo twayaze bose rero, basaba ko amabombo yari yarubatswe mu nyuma ntakore ko yosanura kuko indwara ziva ku bukene bw’amazi, canke iziva kw’isuku rike zizohava zibafata, na rirya bamwe batwiyemereye ko bakoresha kenshi amazi y’imyona canke ay’ibiyaga, kandi bishika ntibanayateke.

Musitanteri wa Komine ya Busoni avuga ko iyo ngorane bayizi, ariko ishika kenshi mu gihe c’ici, ariko arizeye ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti mu maguru masha. Lewokadiya Kabihogo, akaba yatumenyesheje y’uko amabombo y’amazi ariho, ariko kubera igihe c’ici yagiye arakama.
Aristide Nizigire
Messages
8 Ruheshi 2015, 20:26, par Ndayisenga .J.Nepo Mcene
Nukuri Jene Nanje Mvuka Mukirundo Nkaba Nitwa Ndayisenga J Nepo Mcene .Izongorane Zamazi Mugihe Comuci Zama .Zihari Kubera Batwubakiye Amabombo .Make .Akarorero. Ahitwa Inabumara .Batwubakiye Abiri . Mugabo Rimwe Ryarafuye .Mukuvoma Turatonda Harinabagenda Batayatwaye. Murakoze