Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Michelle Obama yabiciye biracika mu gutamba mu kiganiro yari (...)
Michelle Obama yabiciye biracika mu gutamba mu kiganiro yari yatumiwemwo
lundi 16 Ntwarante 2015
Mu kiganiro ca Ellen Degeneres, umutumire Michelle Obama, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika yabiciye biracika, aho yatamba abari ngaho baratangara.

Muri iyi minsi twimirije umunsi wo kuzuka kwa yezu (Pasika), Michelle Obama yatunganije isekeza ryo kurwanya indwara yo kuvyibuha (Obesite) bitiriye "Let’s Move".Ellen Degeneres atunganya ikiganiro "Talk-Show" gica ku mboneshakure yari yatumiye Michelle Obama.
Kuri Michelle Obama, kuba umutumire muri ico kiganiro kabaye akaryo ko kwiganira abantu igikorwa ariko arakora co kurwanya indwara yo kuvyibuha, yongera abwira abantu ko hari ibikorwa vyimirije mu minsi mikuru yo kuzuka kwa yezu, kandi ahamagarira abantu kuvyitaba kugira barwanye iyo ndwara.
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika avuga ko uwo mugambi wiwe wo kurwanya indwara yo kuvyibuha, ariko awufashamwo n’ibihagange mu muziki bitandukanye nka Beyonce, Ryan Seacrest, Nick Jonas kandi ko bagiye kugira intambo zizotambwa muri ivyo birori bazoca bavyereka n’abandi.

Michelle Obama hamwe na Ellen Degeneres baciye bereka abantu intambo zikomeye baherekejwe n’umurwi w’abatamvyi. Abo bakenyezi cane cane Michelle Obama bakaba babiciye biracika mu gutamba intambo zitandukanye mu ndirimbo «Uptown Funk» ya Bruno Mars na Mark Ronson yakunzwe cane.


Raba video
Lorene Nubwabo